Ivyahishuwe11

Ivyabona bibiri

1Maze mpabwa irenga, riringanijwe nk’iryo gupimisha uburebure, nca mbwirwa ngo: “Genda upime urusengero rw’Imana n’igicaniro, wongere uharure n’abaza kuhasengera.2Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.3Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”4 Ivyo vyabona bibiri ni vyo biti bibiri vya elayo na vya biterekwako amatara bibiri bihagaze imbere y’Umwami Imana nyene isi yose.5Nihagira uwugerageza kubakorera ikibi, umuriro uzova mu kanwa kabo uturire abansi babo. Uko ni ko uwuzogerageza kubakorera ikibi azopfa.6Bafise ububasha bwo kwugara ikirere kugira ngo imvura ntigwe, igihe cose bazoba bariko baravugishwa; kandi bafise ububasha bwo guhindura amazi amaraso no guteza isi ivyago igihe cose uko babigomvye.
7Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.8Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.9Kumara imisi itatu n’igice, abantu bo mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose bazokwihweza imivyimba yabo kandi nta n’umwe bazokwemerera kubahamba.10Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.
11Ariko inyuma y’imisi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima iva ku Mana ibinjiramwo, baca barahaguruka kandi ababibonye bose bafatwa n’ubwoba bwinshi.12Hanyuma humvikana ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Nimuduge muze hano!” Nuko baduga mu gicu baja mw’ijuru abansi babo babaraba.
13Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura kimwe ca cumi c’ico gisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.
14Ico cari icago ca kabiri kirangiye, ariko ica gatatu cagira gishike.

Inzamba igira indwi

15Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti:“Ubwami bwo kw’isi buhindutseubw’Umwami Imana na Kristo wiwe,kandi azoganza ibihe bidashira.”
16Ba bakuru mirongo ibiri na bane bicaye ku ntebe zabo imbere y’Imana baca bikubita hasi bubamye, bahimbaza Imana,17bavuga bati:“Turaguhaye icubahiro, Mwami Imana Mushoboravyose,wewe uriho kandi wamyeho,kuko wakiriye ububasha bwawe bukomeye,ugashiraho inganji yawe.18Amahanga yari yuzuye ishavu,ariko uburake bwawe buraje.Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye,no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa,n’abubaha izina ryawe bose,abahambaye n’aboroshe,no kurandura abarandura isi.”
19Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo Isandugu y’Isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e