Ivyahishuwe12

Umugore n’igisato

1Maze haboneka ikimenyetso gihambaye mw’ijuru, c’umugore yambaye izuba, ukwezi kuri musi y’ibirenge vyiwe, afise n’urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri ku mutwe.2Uwo mugore yari yibungenze kandi yari mu mubabaro nk’uwugira yibaruke.3Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwumwe wose.4Umurizo waco uhungurura ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera kw’isi. Maze ca gisato gica gihagarara imbere ya wa mugore yagira yibaruke kugira ngo gice kimira uwo mwana akivuka.5 Uwo mugore aca avyara umwana w’umuhungu, kandi uwo azogazanya umukazo amahanga yose. Uwo mwana aca arasahurwa ajanwa mw’ijuru ku Mana, hafi y’intebe y’inganji yayo.6Wa mugore aca ahungira mu bugararwa aho Imana yamuteguriye ngo amare imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu agaburirirwaho.
7Maze haduka intambara mw’ijuru. Mikayeli n’abamarayika biwe bagwanya ca gisato. Ca gisato na co n’abamarayika baco barabagwanya.8Ariko ca gisato kiraneshwa, maze abamarayika baco na co birukanwa mw’ijuru.9Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.
10Nca numva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti:“Noneho agakiza, ububashan’Ubwami vy’Imana yacu,n’ubushobozi bwa Kristo wayo vyashitse.Kuko umurezi wa bene Data,uwabarega imbere y’Imana yacu ijoro n’umurangoyakororewe hasi.11Bamunesheshejeamaraso y’Umwagazihamwe n’ijambo ryo gushinga intahe.Bemeye guheba ubuzima bwabo,ntibatinya urupfu.12None rero nimunezerwe mwa majuru,hamwe namwe ibiyabamwo mwese.Ariko haragowe isi n’ibiyaga,kuko wa mubi yabikororewemwo!Yuzuye uburake bwinshi,kuko azi ko asigaje igihe gito.”
13Ca gisato kimaze kubona ko cakororewe kw’isi, gica gikurikirana wa mugore yavyara wa mwana w’umuhungu.14Wa mugore aca ahabwa amababa nk’ay’inkona nini kugira ngo agurukire mu kibanza yateguriwe mu bugararwa ngo ahamare imyaka itatu n’igice agaburirirwayo, kure ya ca kiyoka.15Ca kiyoka kigerageza gusuka uruzi runini ruva mu kanwa kaco kugira ngo wa mugore atwarwe.16Ariko isi ica ifasha wa mugore, irasama imira rwa ruzi rwava mu kanwa ka ca gisato.17Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e