Ivyahishuwe10

Ivy’umuzingo w’igitabu mutoya mu minwe y’umumarayika

1Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.2Yari afise umuzingo w’igitabu mutoya wuguruye mu kiganza ciwe. Aca ashinga ikirenge ciwe c’i buryo ku kiyaga, ic’i bubamfu agishinga i musozi.3Hanyuma aca arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe yivuga. Asemereye, haca humvikana amajwi y’imituragaro indwi.4Iyo mituragaro indwi imaze kuvuga, nca mfata ikaramu ngo nandike. Ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ivyo iyo mituragaro indwi yavuze, ubigire ibanga, ntuvyandike.”
5Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga n’i musozi, aca aduza ikiganza ciwe c’i buryo akirabisha kw’ijuru.6Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!7Ariko umumarayika w’indwi niyavuza inzamba yiwe, imigambi ihishijwe y’Imana izoca ishitswa, nk’uko yayimenyesheje abakozi bayo ari bo bavugishwa na yo.”
8Rya jwi nari numvise rimvugisha rivuye mw’ijuru, rica rirasubira rimbarira riti: “Genda wakire urya muzingo mutoya w’igitabu wuguruye mu minwe y’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga n’i musozi.”
9Nca ndagenda ndamusaba ngo ampe uwo muzingo mutoya w’igitabu. Aca ambwira ati: “Wakire uwurye. Uzokubera umururazi mu nda, ariko mu kanwa uzogusosera nk’ubuki.” 10Nuko nakira wa muzingo mutoya w’igitabu ndawukuye mu kiganza ca wa mumarayika, nca ndawurya. Mu kanwa wasosa nk’ubuki, ariko maze kuwumira, uca ucika umururazi mu nda.11Hanyuma nca numva ijwi rimbwira riti: “Utegerezwa kuvugishwa kandi ku moko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n’abami benshi.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e