Zaburi96

1Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nshasha;yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho.2Muririmbire Uhoraho muhimbaze izina ryiwe,mwamamaze agakiza kiwe uko bukeye.3Muvuge ivy’icubahiro ciwe mu mahanga yose,n’ibitangaza yakoze mu moko yose.
4Kuko Uhoraho ahambaye kandi abereye gushimwa;akwiye kwubahwa kuruta ibigirwamana vyose.5Kuko imana zose z’amahanga ari ibigirwamana,ariko Uhoraho yaremye amajuru.6Ubwiza n’icubahiro biri imbere yiwe;inkomezi n’igikundiro biri mu ngoro yiwe.
7Nimwemere Uhoraho, yemwe miryango yose yo mu mahanga,mwemere ko Uhoraho afise icubahiro n’inkomezi.8Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryiwe;muzane ishikanwa mushike mu birimba vyiwe.9Musenge Uhoraho muri mu bwiza bw’ukwera kwiwe;yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe.10Mwamamaze mu mahanga muti: “Uhoraho araganje.”Isi irashimangiye, ntishobora kunyiganyizwa;azocira amahanga imanza zibereye.
11Ijuru nirinezerwe, isi nihimbarwe;ikiyaga nikibomborane, n’ibiri muri co vyose.12Imisozi yose ninezerwe, n’ibiri muri yo vyose;ibiti vyose vyo mw’ishamba nibiririmbishwe n’umunezero.13Ivyaremwe vyose nibinezererwe imbere y’Uhoraho, kuko aje,aje gucira isi urubanza.Azocira abari mw’isi imanza mu bugororotsiN’amahanga azoyacira imanza mu kuri kwiwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e