Zaburi97

1Uhoraho araganje, isi nihimbarwe;ibizinga vya kure nibihimbarwe.2Ibicu n’umwijima w’umuzitanya biramukikije;ubugororotsi n’uguca imanza zibereye ni vyo tanguriro ry’ingoma yiwe.3Umuriro ugendera imbere yiwemaze ugatongora abansi biwe impande zose.4Umuravyo wiwe umurikira isi;isi irabibona maze igahinda agashitsi.5Imisozi ishonga nk’ishashara imbere y’Uhorahoimbere y’umwami w’isi yose.6Amajuru yamamaza ukugororoka kwiwe,kandi amoko yose arabona ubwiza bwiwe.
7Abasenga ibishushayo bazomaramara,abishimira ibigirwamana;nimumwunamire, yemwe bigirwamana mwese!
8Siyoni haravyumva maze hakanezerwan’imihana y’i Buyuda igahimbarwakubera guca amateka kwawe.9Kuko wewe, Uhoraho, uri Iyisumbavyose kw’isi yose;ushizwe hejuru cane kuruta ibigirwamana vyose.10Abakunda Uhoraho nibanke ibibi,kuko azigama ubugingo bw’abantu biweakabakiza akabakura mu maboko y’abanyakibi.11Umuco ukayanganira umugororotsin’umunezero ugakayanganira uwutunganye mu mutima.12Nimunezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi,muhimbaze izina ryiwe ryera.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e