Zaburi95

1Nimuze turirimbire Uhoraho tunezerewe;tuvugirize impundu Igitandara c’agakiza kacu.2Tuze mu nyonga hiwe tumushimatumuririmbire tuvugira ibicurarangisho.
3Kuko Uhoraho ari Imana ihambaye,ni Umwami ahambaye asumba ibigirwamana vyose.4I bwina h’isi hari mu kuboko kwiwe,n’udutwe tw’imisozi ni utwiwe.5Ikiyaga ni iciwe, kuko ni we yakiremye,ibiganza vyiwe ni vyo vyabumye i musozi.
6Nimuze, tumwunamire tumusenge,dupfukame imbere y’Uhoraho Umuremyi wacu;7kuko ari we Mana yacunatwe turi abantu yiragiriye,umukuku yitayeho.Uwu musi icompa mukumva ijwi ryiwe rivuga riti:8“Ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko mwayikomantarije i Meriba,nk’uko mwabigize kuri urya musi i Masa mu bugaragwa,9aho ba sogokuruza banyu bangeragezabakancaca, naho bari barabonye ivyo nakoze.10Nashavuriye urwo runganwe imyaka mirongo ine;ndavuga nti: ‘Ni abantu bama bazimira mu mitima,kandi ntibamenye inzira zanje.’11Ni co catumye ndahirana uburake nti:‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nari narabateguriye.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e