Zaburi140

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni aburi ya Dawidi.

1Ntabara, Uhoraho, unkize inkozi z’ibibi;undinde abanyamuryano,2bagira imigambi mibi mu mitima yabobakavyura intambara imisi yose.3Indimi zabo bazisongora nk’iz’inzoka;ubumara bw’inzoka buri mu kanwa kabo.
4Uhoraho, undinde amaboko y’abanyakibi;undinde abanyamuryano,bagira imigabo yo kuntsinda hasi.5Abibone banteze umutego wo mu mpisho;bamaze gutega insenga zabono gushinga imitego yabo mu nzira ncamwo.
6Ndabwira Uhoraho nti: “Uri Imana yanje.”Uhoraho, niwumve ugutakamba kwanje.7Uhoraho Nyeninganji, mutabazi wanje w’inkomezi,wambika inkinzo umutwe wanje ku musi w’intambara.8Uhoraho, ntuhe abanyakibi ivyo bipfuza;ntureke ngo imigambi yabo ishirwe mu ngiro.
9Abankikuje bazunguza imitwe yabo mu bwibone;amajambo mabi y’akanwa kabo abasubire ku mitwe.10Amakara yaka asukwe ku mitwe yabo;nibatererwe mu muriro,batererwe mu vyobo vy’amazi, ntibigere bavayo.11Abavuga abandi nabi ntibagume mu gihugu;ivyago nibihige abantu b’umuryano.
12Ndazi ko Uhoraho aburanira abakeneagakiranira aboro.13Ni ukuri abagororotsi bazohimbaza izina ryawe,kandi abatunganye bazoba mu nyonga zawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e