Zaburi141
Ni Zaburi ya Dawidi.
1Uhoraho, ndagutakambiye, tebuka uze aho ndi;unyumve ninagutakambira.2Ugusenga kwanje nigushike imbere yawe nk’umubavu;ugutarika amaboko kwanje kube nk’ikimazi co ku mugoroba.3Ushire umurinzi ku munwa wanje, Uhoraho;ugume uteramye ku rugi rw’iminwa yanje.4Ntureke umutima wanje ngo uje mu bibingo nifatanye n’inkozi z’ibibimu bikorwa bibi;ntundeke ngo nsangire na bo ivyo bakunda kurya.5Reka umugororotsi aze ankubite; kuko azoba ariko arangirira neza;aze ampane; kuzoba ari ukunsiga amavuta ku mutwe.Umutwe wanje ntuzovyanka,kuko isengesho ryanje rizokwama rigwanya ibikorwa vy’inkozi z’ibibi.6Abaganza babo nibatembagarizwe ku bitandara,maze abanyakibi ni ho bazomenya ko amajambo yanje yari ay’ukuri.7Bazovuga bati: “nk’uko umuntu arima agashitsa isuka,ni ko amagufa yacu yasanzariye ku munwa w’imva.”8Ariko amaso yanje ndayahanze wewe, Uhoraho Nyeninganji;muri wewe ni ho mpungiye; ntundeke ngo mpfe.9Undinde kugwa mu mitego yatezwe n’inkozi z’ibibi,mu mitego bateze imbere yanje.10Abanyakibi nibagwe mu mitego bateze ubwabo,nanje ndengane mu mahoro.Biblica, Inc.