Zaburi139
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni Zaburi.
1Uhoraho we, waransuzumye,ugirako uramenya.2Urazi iyicara ryanje n’iva hasi ryanje;umenyera kure ivyo niyumvira.3Umenya iyo ngendagenda n’iyo ndyamye;umenyereye inzira zanje zose.4Ijambo ritarashika ku rurimi rwanjewewe, Uhoraho, uba warimenye ido n’ido.5Unkikuje imbere n’inyuma,kandi unshizeko ikiganza cawe.6Ukumenya bene uko ni igitangaza kuri jewe,gushika kure aho ntoshika.7Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe?Noja he ngo mpunge mu nyonga hawe?8Noja mw’ijuru, ni ho uri;nokwubaka uburiri bwanje i bwina, ni yo uri.9Nova hasi nkaja ku mababa y’umutwenzi,noja kuba hirya kure hakurya y’ikiyaga,10naho nyene ikiganza cawe cohandongorera,ukuboko kwawe kw’i buryo kwoncakira.11Novuga nti: “Ni ukuri umwijima ugiye kumpishan’umuco uhinduke ijoro ahankikuje,”12n’umwijima na wo nyene ntiwoba umwijima kuri wewe;ijoro rizokayangana nk’umurango,umwijima na wo ni nk’umuco kuri wewe.13Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;wanteranirije mu nda ya mama;14Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;ivyo ukora biratangaje,ivyo ndabizi neza.15Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zaweigihe naremerwa mw’ibanga,igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.16Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu caweimbere yuko habaho n’umwe.17Ese ukungene ivyiyumviro vyawe ari ivy’igiciro, ewe Mana!Ese ukungene ari vyinshi!18Nobiharura,vyoruta umusenyi;iyo nikanguye, nsanga nkiri kumwe na we.19Ese icompa akaba ari wewe wenyene, ewe Mana, wica abanyakibi!Mva i ruhande mwa binywamaraso mwe!20Bakuvugako ibibi;abansi bawe bakoresha nabi izina ryawe.21Mbega sinanka abakwanka, ga yewe Uhoraho,kandi sinkengera abakugarariza?22Nta kindi mfise atari urwanko ndabanka;ndababona nk’abansi banje.23Nsesa, ewe Mana, umenye umutima wanje;ungeze umenye ivyiyumviro vyanje.24Raba ko hoba hari inzira y’icaha iri muri jewe,kugira ngo undongorere mu nzira y’ibihe bidashira.Biblica, Inc.