Yobu21

Yobu

1Yobu yishura ati:2“Nimutege amatwi amajambo yanje,ripfume riba ihumure mumpaye.3Munyihanganire mvuge,ninaheza muheze mwitwengere.”
4“Mbega hari abantu nidodombeye?Icotuma nihangana ni iki?5Nimundabe hanyuma mutangare,mushire ikiganza ku munwa mwumiwe.6Iyo niyumviriye ibi, ngira ubwoba,umubiri wanje ugatetemera.7Ni kubera iki abanyavyaha baramba,bagashika mu zabukuru, kandi bakaba abahambaye?8Barabona abana babo bakura,bakanezerererwa abuzukuru babo.9Ingo zabo ziratekaniwe, kandi ntizigiramwo ubwoba.Inkoni y’Imana ntiri kuri bo.10Amapfizi yabo ntiyigera ahusha kwimya,amashashi yabo avyara neza nta yiramburura.11Abana babo biginagura imbere yabo nk’imyagazi,kandi abana bato bama bariko baravyina.12Bama baririmba bavuza ingoma n’inanga,bakanezererwa amajwi y’imyironge,13Bamara imyaka n’imyaka baguwe neza mu vyabo,hanyuma bakaja i kuzimu amahoro.14Ariko babwira Imana bati: ‘Tuveko,ivy’inzira zawe nta vyo dukeneye.15Mbega Iyishoboravyose ni iki aho tuyikorera?Mbega kuyisenga vyotumarira iki?’16Ariko ubutunzi bwabo si bo babwizigamira.Ni co gituma nirinda imigambi y’abanyakibi.
17Mbega itara ry’abanyakibi hari aho ryigera rizima?Hari icago kibagwako?Mbega Imana ntibarengana iyo iriko irasuka umubabaro ku bantu?18Hari aho baramera nk’ivyatsi bigururwa n’umuyaga?Canke nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga?19Mweho muvuga muti: ‘Reka Imana izohana abana babo.’Ahubwo ikwiye guhana uwacumuye ubwiwe, akibonerako.20Amaso yiwe akibonera agatikizo,akanywa ku burake bw’Iyishoboravyose.21Mbega ibizoshikira abo yasizehari ico bizoba bikimugize niyamara gupfa?
22Mbega hari uwokwigisha ubwenge Imana,kandi ari yo icira imanza n’abamarayika?23Bamwe bapfa bacuzuye inkomezi,bakiguwe neza, bari mu mahoro,24imibiri yabo ikimeze neza,amagufa yabo akirimwo imisokoro.25Abandi bagapfana umururazi mu mitima,batigeze babona iciza na kimwe.26Abo bompi bahambwa mu mva zimwe,bakaribwa n’urunyo rumwe.
27Erega ndazi ivyo mwiyumvira.Ndazi ibibi vyose mwateguye kungirira!28Murabaza muti: ‘Mbega inzu y’uwuhambaye iri he,aho umunyakibi yahora aba ni he?’29Murazobaza ingenzi,zizobabwira ukuri.30Abanyakibi barazigamwa mu bihe vy’ivyago vy’ivyaduka,bagakingirwa uburake bw’Imana.31Nta wubahangara ngo abagirize ibibi vyabo imbonankubone,nta n’uwubasubiriza mu ndumane ivyo bakoze.32Barapfa bagahambwa,imva zabo zikarindwa mu cubahiro.33Isi yo mu biyaya bahambwamwo imeze neza,umuntu wese akabaherekeza,amasinzi akabaja imbere.
34None mwebwe mwompoza amarira mute n’ayo majambo yanyu atagira insiguro?Nta co musigaje kunyishura atari ibinyoma gusa.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e