Yobu20

Zofari

1Hanyuma Zofari w’i Nayama na we arishura ati:2“Ivyiyumviro vyanje birazazaniwe none binteye kwishura,kubera yuko mpungabanye.3Numva wanyubahutse untesha agaciro,none umutima wanje ungoberereye kugira ico mvuze.
4Mbega ntuzi uko vyamye kuva kera,kuva umuntu agishirwa kw’isi,5ko intsinzi y’abanyakibi imara umwanya urume rumara,kandi ko umunezero w’abatubaha Imana ari uw’akanya gato?6Naho ukwibona kwiwe kwoshika kw’ijuru,umutwe wiwe ugakora ku bicu,7azohona ntiyongere kubaho, kurya kw’umwanda umuvamwo.Abamubonye bazobaza bati: Mbega yagiye he?8Atumuka nk’indoto, ntabe agisubira kuboneka.Azozimangana nk’ivyo umuntu arazirana mw’ijoro.9Ijisho ryamubonye ntirizosubira kumubona,n’umuryango wiwe ntuzosubira kumubona.10Abana biwe bazosega aboro;amaboko yiwe ni yo azosubiza ubutunzi yagunze abandi.11Inkomezi zo mu buto bwiwe zuzuye mu magufa yiwezizojana na we mw’ivu.
12Naho ikibi gisosera akanwa kiwe,akagihisha musi y’ururimi,13akanka kugicira,akakigumiza mu kanwa kiwe,14ivyo yariye bizomuhinduka mu mushishito,bibe nk’ubumara bw’inzoka mu nda yiwe.15Azodahwa ubutunzi yamiraguye,Imana ntizemera ko bumugumamwo.16Azonunuza ubumara bw’inzoka,kandi ururimi rw’imvuvyi ruzomwica.17Ntazosubira kunezererwa inzuzi,zimwe zitembamwo amata n’ubuki.18Ivyo yabiriye akuya azovyakwa atabiriye,ntazorya ku nyungu z’urudandazwa rwiwe.19Yatoteje aboro, agirako arabashibura.Yinjiye amazu atubatse.
20Yamana umunoho ntiyigera ahazwa.Kandi mu vyo yahahamiye, nta na kimwe kizosigara.21Nta casigaye atayongobeje,ni co gituma ubutunzi bwiwe butazorama.22Naho akikijwe n’ivyuzuye, azosugerezwa n’intuntu.Amagorwa azomuzako mu nkomezi zayo zose.23Niyamara kwuzuza inda yiwe,Imana izomusukako uburake bwayo,izobumucuncuburirako nk’imvura.24Naho yohunga inkoni y’icuma y’Imana,umwampi w’umwakaka wayo uzomutobekeranya.25Azokwishikuramwo umwampi,na wo uze ujejeta amaraso,maze atekerwe n’ubwoba.26Ubutunzi bwiwe buzokamanganira mu mwijima.Umuriro w’icaduka uzomutongora,urigite ibizoba bisigaye mu nzu yiwe.27Amajuru azogaragaza ibigabitanyo vyiwe,isi na yo ihaguruke imugwanye.28Isegenya izohitana inzu yiwe,uburake bw’Imana bumuzeko nk’umukuba w’uruzi.29Iyo ni yo mpera Imana iha abanyakibi,ni ryo ragi yabageneye.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e