Yobu22

Elifazi

1Elifazi w’i Temani na we yishura ati:2“Mbega umuntu yogirira akamaro Imana?Canke umunyabwenge yogira ico ayifashije?3Mbega wibaza ko ukugororoka kwawe gutuma Iyishoboravyose ihimbarwa?Canke gutungana kwawe hari inyungu kwoyizanira?
4Wibaza ko ifatira ku kugororoka kwawe mu kuguhanaikazana urubanza kuri wewe?5Haba na mba! Ni kubera ukugabitanya kwawe guhambaye.Ivyaha vyawe ntibigira uko bingana.6Watse ingwati benewanyu bidakwiye,ubambura imitamana yabo, ubasiga bari gusa.7Wimye amazi abanyotewe,abashonje ubima ico barya.8Wibajije kumbure ko abahambaye ari bo biganza mu gihugu,abatinyitse bakaba ari bo bakibamwo.9Abapfakazi wabahinda ata co ubahaye,uvunagura amaboko y’impfuvyi.10Ni co gituma ukikujwe n’imitego,ubwoba bukagutera giturumbuka.11Kandi ni co gituma utabona kubera umwijima,imipfunda y’amazi ikaba yakurengeye.
12Mbega Imana ntiri ahasumba amajuru?Itegereze n’ukuntu inyenyeri ziri hejuru kure cane.13Ariko wibwira uti: ‘Mbega Imana izi iki?Mbega yoshobora guca urubanza iri mu mwijima w’umuzitanya?’14Wibwira ko ibicu biyikingiriye,ko itoshobora kukubona iriko iratambuka inkikuro z’ijuru.15Mbega ugomba kuguma mu nzira za kera,izagenderwamwo n’inkozi z’ikibi?16Abo bacakiwe igihe cabo kitaragera,amatanguriro yabo atwarwa n’umwuzure.17Babwira Imana bati: ‘Igirayo, tureke!Mbega Iyishoboravyose hari ico yotugira?’18Kandi Imana ni yo yari yujuje ivyiza amazu yabo.Ni co gituma nigira kure y’inama z’abantu nk’abo.19Abagororotsi bazobona uguhona kw’abanyakibi, banezerwe;abatagirizwa ikibi bazobatwengera mw’ijigo.20Bazogira bati: ‘Ni ukuri abansi bacu bararanduwe.Uwa nyuma muri bo atongowe n’umuriro.’
21None rero niwiyunge n’Imana, ubone kuba amahoro,ni ho ivyawe bizogenda neza.22Niwumve amajambo yayo,uyabike mu mutima23Niwagaruka ku Mana Mushoboravyose,ugakura ikibi cose mu muryango wawe,24ugaheba iyo nyota y’ubutunzi,ugaterera inzahabu zawe mu ruzi,25aho rero Iyishoboravyose izokubera ubutunzi,ikubere n’ifeza z’agaciro.26Ni ho uzonezerererwa Iyishoboravyose,ukunamurira amaso Imana.27Uzoyisenga na yo ikwumve,wongere ushitse ivyo wayisezeraniye.28Ico uzokwipfuza gukora cose uzogishitsa,kandi umuco uzorasira mu nzira zawe.29Nimba abantu bari mu vyago, nawe ukavuga uti: ‘Batabare!’Na yo izobatabara.30N’abafise ibibi bagirizwa izobarokora,bivuye ku kwera kw’amaboko yawe.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e