Abaheburayo13
Amajambo yo guherezako
1Tubandanye gukundana nk’abavukana.2Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.3Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.4Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.5Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:“Sinzokwigera ndaguta;sinzokwigera ndaguheba.” 6Ni co gituma tuvuga ata bwoba tuti:“Uhoraho ni we mutabazi wanje; sinzotinya.None abantu buntu bongira iki?” 7Mwibuke abarongozi banyu babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.8Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.9Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu gukurikiza migenzo ijanye n’ivyokurya, kuko idashobora gufasha abayikurikiza.10Turafise igicaniro abaherezi bakora mw’ihema badafise uburenganzira bwo kurirako.11Mu gihe c’Isezerano rya Kera, umuherezi mukuru yazana amaraso y’ibitungwa Ahera Cane nk’ikimazi c’ivyaha, ariko imibiri y’ivyo bitungwa yaturirirwa inyuma y’aho bari bashinze amahema.12Ni co gituma na Yesu yapfiriye inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.13Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho dushinze amahema, twemere gukengerwa nka we.14Kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ahubwo turiko turondera igisagara kizoza.15Nuko rero muze twame duha Imana ikimazi c’ishimwe duciye muri Yesu, ni co camwa c’iminwa yacu yatura izina ryiwe.16Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gufashanya, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.17Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, batababaye, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.18Mudusengere. Imitima yacu nta kibi itwagiriza kandi dushaka gukora vyose mu buryo bwiza.19Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.Amajambo yo kurangiza
20Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,21abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.22Ndabinginga bene Data, mushire umutima kuri aya majambo yo kubatera intege, kuko iri kete nanditse si rirerire.23Ndashaka ko mumenya ko mwene Data Timoteyo yarekuwe atakiri mw’ibohero. Niyashika aho ndi vuba, tuzozanana kubaramutsa.24Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose.Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.25Ubuntu bw’Imana bubane namwe mwese.
Biblica, Inc.