Abaheburayo12
1Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye twiyambura ibituboha vyose bikatubuza kubandanya, hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze twiruke n’umwete mu rugendo Imana yashize imbere yacu.2Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.3Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.
Imana itoza indero abana bayo
4Ntimuragwanya icaha gushika aho amaraso yanyu aseseka.5Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti:“Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,kandi ntugacike intege iyo aguhanye;6kuko Uhoraho aha indero abo akunda,kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe.” 7Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana?8Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri.9Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.10Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera.11Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.12Nuko rero, nimugorore amaboko yanyu arushe, mukomeze n’amavi acitse intege.13Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.Kugabisha no gutera intege
14Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.15Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire ikintu na kimwe kibi kimeze nk’umuzi utera umurarazi kiba hagati yanyu kigatera uruhagarara, benshi bononekara.16Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya.17Murazi ko mu nyuma yarondeye guhabwa umuhezagiro na se, ariko ntiyemererwa. Naho yawuronderanye amarira menshi, ntivyakunda ko ahindura ivyo yari yarakoze.18Mwebwe ntimwegereye umusozi umuntu ashobora gukorako: nta mbeya z’umuriro, nta mwijima, nta joro, nta mituragaro, nk’uko vyabaye ku Bisirayeli ku musozi Sinayi.19Bo bumvise ugusamirana kw’inzamba n’ijwi riteye ubwoba ku buryo abaryumvise basavye Imana kudasubira kuvugana na bo.20Baciye bagenza umugongo bumvise ijwi ry’Imana rivuga riti: “Ikintu cose kizokwegera uwu musozi, naho coba igitungwa, kize cicishwe amabuye.” 21Ivyo babonye vyari biteye ubwoba ku buryo Mose ubwiwe yavuze ati: “Ndiko ndajugumira kubera ubwoba.” 22Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu co mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.23Mwegereye ikoraniro ry’abana b’imfura b’Imana banditswe mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.24Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.25Mwirinde ntimwanke kwumviriza iyiriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha ari kw’isi, none tweho twokira gute igihano twanse kwumviriza iyivuga iri mw’ijuru.26Igihe Imana yavugira ku musozi Sinayi, ijwi ryayo ryanyiganyije isi; uno musi na ho Imana isezerana iti: “Nzosubira kunyiganyiza, atari isi gusa, ariko n’ijuru na ryo.” 27Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.28Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.29Kuko “Imana yacu ni umuriro utongora.”Biblica, Inc.