Yakobo1
1Jewe Yakobo, umukozi w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo,
Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.
Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.
Amageragezwa n’amarushwa
2Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi,3kuko muzi neza ko iyo ukwizera kwanyu kugeragejwe bituma ukwihangana kwanyu na kwo gukura.4Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.5Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.6Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.7Umeze atyo ntiyitege ko hariho ico azoronka kivuye ku Mwami Imana;8kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.9Abizera kandi bakenye barafise ico bakwiye kwishimira, kuko Imana yabashize hejuru.10Ariko abatunzi bo, bakwiye kwishimira ko Imana yabacishije bugufi. Kuko bazokurwaho kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba.11Izuba ryatse ubushuhe bwaryo bwumisha igiterwa; ishurwe ryaco rigakoroka n’ubwiza bwaryo bugakurwaho. Uko ni ko n’umutunzi azokwuma ari mu bikorwa vyiwe.12Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.13Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: “Imana iriko irangerageza.” Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe.14Ariko, umuntu wese ageragezwa n’ivyipfuzo vyiwe bibi, hanyuma bikamusunikira mu mutego.15Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.16Ntimuhendwe bene Data nkunda.17Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.18Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.Kwumva ijambo no kurishira mu ngiro
19Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,20kuko ukuraka kw’umuntu kutamushikana ku bugororotsi Imana ishaka.21Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.22Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.23Umuntu wese yumviriza iryo jambo ariko ntarishire mu ngiro ameze nk’umuntu yiraba mu maso mu cirore24hanyuma, amaze kwiraba akagenda agaca yiyibagira ubwo nyene uko asa.25Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.26Abiyumvira ko bemewe kubera idini ryabo, ariko ntibirinde mu vyo bavuga, baba bihenda kandi kuba mw’idini kwabo nta co bimaze.27Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.Biblica, Inc.