Umusiguzi11

Ibikorwa vy’umunyabwenge

1Terera ivyokurya vyawe ku mazi,inyuma y’imisi myinshi uzokwironkera inyungu.2Shira umutahe wawe ahantu indwi, mbere umunani,kuko utazi igihe ivyago bishobora kuzozirako mu gihugu.
3Iyo ibicu vyuzuye amazi,bituma imvura igwa kw’isi.Igiti gishobora kugwa cerekeye mu bumanuko canke mu buraruko,kandi aho kiguye ni ho kizoguma kiryamye.4Uwuraba umuyaga ntazobiba;kandi uwuraba ibicu ntazokwimbura.
5Uko utazi inzira y’umuyaga,canke uko umwana akurira mu nda ya nyina wiwe,ni ko udashobora gutahura igikorwa c’Imana,umuremyi w’ibintu vyose.
6Biba imbuto zawe mu gitondo,no ku mugoroba nturere amaboko,kuko utazi izizokwera,nimba ari izi canke ziriya,canke ko zose zizomera neza.

Wibuke umuremyi wawe mu misi y’ubuto bwawe

7Umuco ni mwiza,kandi biranezera amaso kubona izuba.8Igihe abantu baramvye bakamara imyaka myinshi,baze bayinezerererwe yose.Ariko baze bame bibuka imisi y’umwijima,kuko izoba myinshi,kandi ivyitezwe vyose bikaba ari ubusa.
9Ewe muntu ukiri muto, nezererwa ubwo buto bwawe,kandi ukore ibinezereza umutima wawe mu misi y’ubuto bwawe.Ukurikire inzira z’umutima wawe,n’ibintu vyose amaso yawe akwereka,ariko umenye ko muri ivyo vyose,Imana izokurengutsa mu rubanza.10Nuko rero, irinde kugira amaganya mu mutima waweushire kure y’umubiri wawe ikibi cose,kuko ubuto no kugira inkomezi ari ubusa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e