Umusiguzi10
1Nk’uko isazi zipfiriye mu mavuta zituma anuka,ni ko n’ubupfu bukeya buhindura ubusa ubwenge n’icubahiro.2Umutima w’umunyabwenge uhengamira i buryo,ariko umutima w’igipfu uhengamira i bubamfu.3No mu gihe igipfu kigendagenda mu nzira,kigenda ata bwengekandi abantu bose barabona ubupfu bwaco.4Uburake bw’uwukuganza nibwaba bwinshi,ntuze uve ku kirindiro cawe;ukwitonda kwawe gushobora gutuma uharirwa ibibi vyinshi.5Hari ikibi nabonye musi y’izuba,ni akarenganyo gatewe n’uwuganza:6Ibipfu bishirwa mu bibanza vyo hejuru,ariko abatunzi bagashirwa hasi.7Nabonye abagurano bagendera ku mafarasi,ariko abaganwa bagenda n’amaguru nk’abagurano.8Uwimba ikinogo azokigwamwo;kandi uwumena uruhome ashobora gukomorwa n’inzoka.9Uwutembagaza amabuye azomukomeretsa;kandi uwicira ibiti incabiti ishobora kumutera ingorane.10Incabiti niyapfuhaubugi bwayo ntibukarishwe,umuntu azoba akwiye gukoresha inkomezi nyinshiariko ubuhinga butuma umuntu ashika ku vyo yateguye.11Inzoka igukomoye imbere y’uko igotwa,uwuyigota nta co aba akimaze.12Amajambo yo mu kanwa k’umunyabwenge yuzuye ubuntu,ariko iminwa y’igipfu izogihitana.13Mu ntango amajambo yaco ni ubupfu;ariko kw’iherezo ni ubusazi bubi,14kandi igipfu kigwiza amajambo.Nta n’umwe azi ibigira bibe,ni nde yomubwira ibizoba inyuma yiwe?15Igikorwa c’igipfu kizomuremera;kuko atazi inzira ija mu gisagara.16Uragowe, wa gihugu we, umwami wawe yari umushumba,abaganwa bawe bakinezereza kuva mu gitondo.17Urahiriwe, wa gihugu we, umwami wawe yavutse ari umuganwa,abaganwa bawe bakinezereza igihe gikwiye kigeze,kugira ngo bagire inkomezi atari ukugira ngo baborerwe.18Umuntu niyaba umunebwe, inzu yiwe izosambuka;kandi niyarera amaboko, inzu yiwe izova.19Umusi mukuru utera kunezerwa,kandi umuvinyu utuma unezereza ubuzima,ariko amahera ni inyishu ku bintu vyose.20Ntuvuge umwami nabi naho hoba mu vyiyumviro,canke ngo uvume umutunzi uri mu buriri bwawe,kuko inyoni yohava itwara amajambo yawe,kandi inyoni yo mu kirere yohava imenyesha ivyo wavuze.
Biblica, Inc.