Umusiguzi12

1Uze wame wibuka umuremyi wawemu misi y’ubuto bwawe,imisi mibi itarazan’imyaka itarashika aho uzovuga uti:“Ntibikinezereza”;2izuba n’umucon’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwijima,n’ibicu bitaragaruka imvura ihise;3aho abarinzi b’inzu bajugumira,abanyenkomezi bakunama,abasyi bagahagarika gusya kuko babaye bake,n’abarungurukira mu madirisha bagahuma;4aho inzugi ziraba kw’ibarabara zugarwa,ijwi ry’urusyo rigahora;aho abantu bavyuka inyoni zivuze,ariko indirimbo zabo zose zikagenda zigabanuka;5aho abantu bazotinya imisozin’ibiteye ubwoba vyo mu nzira;mu gihe igiti ca alumonde gishurika,igihori kikikwega mu nzira,n’ibirungo ntibibe bikiryoha.Maze umuntu agataha iwabo h’ibihe vyose,abamuririra bakaba benshi mu nzira.
6Umwibuke, urunyuzi rw’ifeza ari bwo buzima rutaracika,n’igikombe c’inzahabu kitarameneka;n’umubindi utaramenekera kw’ivomo,umugozi wo gukwega amazi utaracikira kw’iriba,7n’umukungugu ugasubira mw’ivu aho wavuye,impwemu igasubira ku Mana yayitanze.
8“Ni ubusa! Ni ubusa!” Ni ko umusiguzi avuga.“Vyose ni ubusa!”

Indunduro ya vyose

9Umusiguzi ntiyari umunyabwenge gusa, ariko kandi yigishije abantu ukumenya. Yaragerageje kurondera maze ashira ku rutonde imigani myinshi.10Umusiguzi yarondeye gushiraho amajambo atunganye, kandi ivyo yanditse vyari bigororotse kandi ari ivy’ukuri.
11Amajambo y’abanyabwenge ameze nk’imambo, imigani yabo na yo ni nk’imisumari itewe neza, itangwa n’Umwungere umwe.12Mwana wanje, hanurwa wumve ku kintu cose ciyongera kuri yo.
Ukwandika ibitabu vyinshi ntibigira iherezo, kandi kwiga cane kuruhisha umubiri.
13Vyose vyarumviswe;iyi ni yo ndunduro ya vyose:Wubahe Imana witondere amabwirizwa yayo,kuko ari co kibereye ku muntu.14Kuko Imana izoshira mu rubanza igikorwa cose,harimwo n’ibintu bihishijwe vyose,ari bibi canke ari vyiza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e