Umusiguzi1

Vyose ni ubusa

1Amajambo y’umusiguzi, mwene Dawidi, umwami w’i Yerusalemu:2“Ni ubusa! Ni ubusa!”Ni ko umusiguzi avuga.“Ni ubusa gusa!Vyose ni ubusa.”
3Umuntu yunguka iki mu butame bwiwe bwose,mu bikorwa vyose akorera musi y’izuba?4Urunganwe ruraza urundi rukagenda,ariko isi igumaho ibihe vyose.5Izuba riraseruka bwije rikarenga,hanyuma rikihutira gusubira iyo riserukira.6Umuyaga uhuha uja mu bumanuko,hanyuma ugahindukirira mu buraruko,ukagenda uzunguruka,ukama usubiramwo inzira yawo.7Inzuzi zose zitemba zija mu kiyaga,ariko ikiyaga nticigera cuzura.Aho za nzuzi zatanguriye,ni ho amazi asubira.8Ibintu vyose biraruhisha,kurusha uko umuntu yobivuga.Ijisho ntirihaga kuraba,n’ugutwi ntiguhaga kwumva.9Icabayeho kizosubira kubaho,icakozwe kizokwongera gukorwa;nta gishasha musi y’izuba.10Hoba hariho na kimwe umuntu yovuga ati:“Raba, iki ni gishasha”?Carabayeho, kera muri kahise;cariho imbere yacu.11Nta kwibuka ivyabaye kera,kandi n’ibizoba muri kazozantibizokwibukwan’abazoza inyuma yavyo.

Ubwenge ni ubusa

12Jewe, umusiguzi, nari umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu.13Nafashe ingingo yo kwiyegurira kwiga no kurondera kumenya nkoresheje ubwenge mu bintu vyose biri musi y’izuba. Ni umutwaro uremereye Imana yaremetse abantu!14Nabonye ibintu vyose bikorerwa musi y’izuba ari ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.15Icagoramitswe ntigishobora kugororwa;ikibuze ntigishobora guharurwa.
16Nariyumviriye muri jewe nti: “Raba, nararonse kandi naragwije ubwenge kurusha abatwaye i Yerusalemu imbere yanje; kandi nagize ubwenge bwinshi no gutahura kwinshi.”17Maze nca mfata ingingo yo kwiga ngo menye ivy’ubwenge, ivy’ubusazi n’ivy’ubupfu, ariko natahuye ko n’ivyo na vyo nyene ari ukwiruka inyuma y’umuyaga.18Kuko kugira ubwenge bwinshi bizanana n’umubabaro mwinshi;kandi uko umuntu yongereza ubumenyi ni ko yongereza imibabaro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e