Imigani31
1Iyi ni imigani y’umwami Lemuweli, yavugishwa amajambo y’ubwenge yigishijwe na nyina.2Nyumviriza, mwana wanje! Ntega amatwi bura bwanje!Nyumviriza, mwana wanje, wewe nyishu y’amasengesho yanje.3Ntugahereze inkomezi zawe mu bagore,canke inguvu zawe ku bagwisha abami.4Si ivy’abami, ewe Lemuweli,si ivy’abami kunywa umuvinyu,n’abatware kunohokera inzoga,5kuko bonywa bakibagira ivyashinzwe,bakananirwa kugirira neza abacinyijwe.6Reka inzoga zibe iz’abahona,umuvinyu ube uw’abababaye!7Nibabe ari bo banywa, bibagire ubukene bwabo,ntibasubire kwibuka amagorwa yabo.8Uvugire abadashobora kwivugira,ugirire neza ba ntahonikora.9Uvuge kandi uce izibereye;uburanire aboro n’abakene.10Umugore w’imico myiza yova hehe?Asumba utubuye tw’agaciro.11Umugabo wiwe aramwizigira cane,kandi nta c’agaciro amuburana.12Azanira ivyiza umugabo, atari ibibi,imisi yose yo kubaho kwiwe.13Atoranya ubwoya bw’intama n’ipampa,akajisha impuzu n’amaboko yiwe anezerewe.14Ameze nk’ubwato bw’umudandaza,azana ivyokurya abikuye kure.15Avyuka bugihwibiriye;akaronderera indya umuryango,akaronderera n’incoreke ziwe.16Abona itongo akarishima, maze akarigura;maze mu biva mu vyo akora, ahatera uruzabibu.17Agira umwete mwinshi mu vyo akora,amaboko yiwe ayaha kurema.18Aramenya ko urudandazwa rwiwe rutera ruja imbere,kandi itara ryiwe ntirizima mw’ijoro.19Amaboko yiwe atunganya ubwoya bw’intama,intoke ziwe zikajisha impuzu20Apfumbaturura ibiganza agafasha aboro,akaramvurira amaboko gufasha abakene.21Mu gihe c’imbeho nyinshi, ntatinyira umuryango wiwe,kuko abambika izisusurutse.22Yijishira ivyo kwipfuka mw’ijoro,akambara izera derere n’izitukura.23Umugabo wiwe arubahwa kw’irembo ry’igisagara,iyo yicaranye n’abatware baho.24Ajisha imitamana yera derere akayigurisha,akaronkera imikenyezo abadandaza.25Yambaye inkomezi n’icubahiroategekanya kazoza mu munezero.26Avugana ubwenge,kandi impanuro z’ubwizigirwa ziri mu kanwa kiwe.27Yitaho ibikorwa vy’umugabo wiwe,kandi ntarya ivyo atabiriye akuya.28Abana biwe bose baramushimagiza,umugabo wiwe akamushima avuga ati:29“Hari abagore benshi bakora ivyiza,ariko bose urabaruta.”30Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.31Arabereye guhabwa ibiva mu maboko yiwe,kandi ibikorwa yakoze bimushire hejuru kw’irembo ry’igisagara.
Biblica, Inc.