Umusiguzi2
Ibihimbaro ni ubusa
1Niyumviriye mu mutima wanje nti: “Hinge ndawugeragereshe ibihimbaro kugira ngo menye ivyiza ivyo ari vyo.” Ariko na vyo nyene nasanze ari ubusa.2Naravuze nti: “Ugutwenga ni ubupfu. Kandi ibihimbaro bimara iki?”3Nagerageje kwinezeresha umuvinyu, ngo nifatanye n’ubupfu ariko ngume ndongorwa n’ubwenge muri jewe. Ivyo nakoze nshaka kumenya ikibereye abantu bokorera musi y’ijuru mu misi mike y’ukubaho kwabo.4Nagize imigambi ihambaye: Niyubakiye amazu ntera imizabibu.5Narimye imirima y’ivyamwa minini na mitoya ndayiteramwo ibiti vy’ubwoko bwose bw’ivyamwa.6Nimvye ibinogo vyo kubikamwo amazi yo kuvomera imivyaro y’ibiti.7Naguze abagurano n’abaguranokazi nongerako n’abandi bagurano abahungu n’abakobwa babo bavukiye mu nzu iwanje. Kandi nari ntunze amasho n’imikuku kurusha abantu bose b’i Yerusalemu banyitangiye imbere.8Nironkeye ifeza n’inzahabu, n’ubutunzi bw’abami n’abarongoye intara. Nironkeye abaririmvyi b’abagabo n’abagore, hamwe n’abahabara benshi, ngira ibihimbaro umutima w’umugabo wese wipfuza.9Nabaye agahambaye kuruta abanyitangiye imbere b’i Yerusalemu. Muri ivyo vyose ubwenge bwanje bwagumanye nanje.10Ikintu cose amaso yanje yipfuje sinakiyimye;umutima wanje sinawimye igihimbaro na kimwe.Umutima wanje wanezererewe igikorwa canje cose,kandi iyo ni yo ngero y’ubutame bwanje bwose.11Ariko ndavye ivyo amaboko yanje yakozen’ivyo nacumukuriye,nasanze vyose ari ubusa, ari ukwiruka inyuma y’umuyaga;nta na kimwe umuntu yunguka musi y’izuba.Ubwenge n’ubupfu vyose ni ubusa
12Maze mpindukiza ivyiyumviro vyanje ngo ndabe ubwenge,n’ubusazi mbere n’ubupfu.None uwuzosubira ku ngoma y’umwami yokora iki kindiatari icamaze gukorwa?13Nasanze ubwenge buruta ubupfu,nk’uko umuco uruta umwijima.14Umunyabwenge afise amaso mu mutwe wiwe,ariko igipfu kigendera mu mwiza;ariko nasanzebompi ikibarindiriye ari kimwe.15Hanyuma ndiyumvira mu mutima wanje nti:“Iherezo ry’igipfu nanje nyene rirandindiriye.None nunguka iki mu kuba umunyabwenge?”Nibwiye mu mutima wanje nti:“N’ibi na vyo ni ubusa.”16Kuko umunyabwenge, mbere n’igipfu, ntazokwibukwa;uko imisi ihera, bompi bazokwibagiranwa.Nk’uko bigenda ku gipfu, umunyabwenge na we nyene azopfa!Ubutame ni ubusa
17Ni co catumye nanka ubuzima, kuko igikorwa gikorerwa musi y’izuba ari kibi ku bwanje. Vyose ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.18Nanse ibintu vyose vyo mu butame bwanje musi y’izuba, kuko nzobisigarana uwuzoza mu nyuma zanje.19Kandi ni nde azi nimba azoba ari umunyabwenge? Ariko ni we azoganza ivyo nakoresheje inkomezi zanje n’ubwenge bwanje musi y’izuba. N’ivyo ni ubusa.20Nuko umutima wanje watanguye kwihebura ku bw’ibikorwa biruhije nakoreye musi y’izuba.21Kuko umuntu ashobora gukoresha igikorwa ubwenge, ubumenyi n’ubuhinga, maze agasigarana ivyiwe vyose uwutabiruhiye. N’ibi na vyo ni ubusa kandi ni ikibi gikomeye.22Umuntu yunguka iki mu butame n’umwitwarariko yagize musi y’izuba?23Imisi yose y’ubutame bwiwe ni umubabaro n’amaganya; no mw’ijoro umutima wiwe nturuhuka. N’ibi na vyo ni ubusa.24Nta co umuntu ashobora gukora kiruta kurya n’ukunywa no kunezerererwa igikorwa ciwe. N’iki na co, ndabona ko kiva mu kiganza c’Imana,25kuko itarimwo, ni nde yorya akanezerwa?26Ku wuyihimbaye, Imana itanga ubwenge, ukumenya n’umunezero, ariko iha umunyavyaha igikorwa co kwegeranya no kurundanya ubutunzi kugira ngo aze abihe uwuhimbara Imana. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.Biblica, Inc.