2 Korinto12

Ivyo Pawulo yeretswe

1Birabereye ko mbandanya nirata naho ata co bimaze. Ariko ubu reka ndababwire ivyo neretswe kandi namenyeshejwe n’Umwami.2Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.3Koko Imana yonyene ni yo izi ko yari mu mubiri canke yari yawukuwemwo, ariko ndamuzi.4Yajanywe mw’iparadizo, yumva amajambo ata muntu yoshobora gusigura, kandi ata muntu yemerewe gusubiramwo.5Nk’uwaciye mu bintu nk’ivyo nari nkwiye kwirata, ariko sinirata inkomezi zanje, nzirata intege nke zanje.6Kandi naho nohitamwo kwirata, sinoba nihenze kuko noba ndiko mvuga ivy’ukuri. Ariko mpisemwo kubireka kugira ngo ntihagire abanyiyumvira ukurengeye uko bambona mu bikorwa vyanje no mu vyo nigisha.7Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru.8Ninginze Umwami Yesu incuro zitatu kugira ngo ayinkuremwo,9ariko anyishura ati: “Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke.”Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.10Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.

Umwitwarariko wa Pawulo kw’ishengero ry’i Korinto

11Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.12Igihe nari kumwe nawe, naraberetse vy’ukuri ko ndi intumwa. Kuko mu kwihangana kwinshi nakoze ibimenyetso n’ibitangaza muri mwebwe.13Mbega hari ico ayandi mashengero yaronse mwebwe mutaronse? Hariho kimwe gusa, sinabaremereye ku bijanye n’ivyo kwibeshaho. Nimba mubona ko bitari vyiza, muranyihanganira.
14Ndiko nditegurira kubagendera irya gatatu, kandi na ho nyene sinzobaremera, kuko ico ngomba si ivyo mutunze, ngomba mwebwe nyene. Kuko mu bisanzwe abana si bo bari bakwiye kugaburira abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo bagaburira abana babo.15None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?16Namwe muremera ko ntababereye umutwaro. Ariko bamwe muri mwebwe bibaza ko ndi umunyabwenge, ko nabakuyeko inyungu mu bwenge.17Mbega abantu nabatumyeko hari inyungu babatse?18Ninginze Tito ngo aze iwanyu, azanana n’umwe mwene Data wundi. Mbega hari inyungu babakuyeko? Mbega ntitwakoreye mu Mpwemu imwe no mu buryo bumwe?
19Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.20Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.21Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e