2 Korinto13

Izindi mpanuro

1Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.” 2Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,3ko muriko murasaba ivyemeza ko Kristo avugira muri jewe. Ntananiwe no kubakiza, kuko akorana inkomezi muri mwebwe.4Naho yabambwe ari umunyantegenke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.
5Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma.6Kandi ndizera ko muzotahura ko tutananiwe no kwisuzuma nk’intumwa.7Ico tubasengera ku Mana ni uko ata kibi mwokora. Atari ukugira ngo abantu babone ko twahagaze neza mu kwisuzuma kwacu, ariko kugira ngo mukore ibibereye naho vyoba bisa nk’aho twananiwe mu gikorwa cacu.8Kuko ata co twemerewe gukora kinyuranye n’ukuri, ariko dutegerezwa guhagararira ukuri.9Turanezerwa iyo tuboneka nk’abanyantegenke ariko mukaboneka ko muri abanyenkomezi. Kandi turabasengera ngo mutunganywe rwose.10Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.

Intasho

11Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.
12Muramukanye mu kugumbirana kwera.
13Abera b’Imana ba hano na bo barabatasha.
14Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e