2 Korinto11
Abigira intumwa kandi atari zo
1Nizera ko muzokwihanganira ubupfu bwanje. Ndabinginze munyihanganire.2Mfise ipfuhe ryinshi riva ku Mana ku bwanyu. Nabateguye ngo mube umugeni azogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, ngo nze ndabashikane imbere yiwe mumeze nk’inkumi itunganye rwose.3Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu akabahubisha mukava muri kwa kwiyegurira Kristo kwuzuye kwanyu.4Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.5Nibaza ko abo mwibaza ko ari intumwa zikomeye ata co bansumvya.6Nshobora kuba ntari imvuzi ariko simbuze ubumenyi, kandi ivyo twarabiberetse neza mu buryo bwose.7Mbega nakoze icaha aho nicisha bugufi kugira ngo ndabakuze mu kubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana ata co ndabasavye?8Meze nk’aho nasahuye ayandi mashengero mu kwemera imfashanyo yayo kugira nshobore kubakorera ata co ndabasavye.9Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.10Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.11Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.12Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo nime icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora.13Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.14Ariko nta gitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco.15Nta gitangaje rero, n’abakozi biwe bashobora kwigira abakozi b’abagororotsi. Ku muhero wa vyose bazoronka impera ihwanye n’ibikorwa bakora.Pawulo yishimira imibabaro yiwe
16Ndabisubiyemwo, ntihagire uwibaza ko ndi imburabwenge. Ariko nimba mwibaza ko ndi imburabwenge, nimunyumvirize nk’aho mwoba muriko mwumviriza imburabwenge, kugira ngo nanje nirate na gato.17Mu kwirata gutya sindiko mvuga nk’uko Umwami Yesu yovuga, ahubwo mvuze nk’igipfu.18Kandi kubera abandi bafise ivyo birata ivyo bakoze hano kw’isi nanje nogira ico nirata.19Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge.20Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi.21Numva mfise isoni zo kubabwira ko umenga twagize intege nke muri mwebwe, kubona tutigenjeje gutyo!Ariko nimba hari uwufise ico yokwubahuka kwirata, nanje ndagifise, ndabivugishijwe n’ubupfu.22Ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni abana ba Aburahamu? Nanje ndi we.23Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku.) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.24Nakubiswe n’Abayuda incuro zitanu ibimoko mirongo ine ukuyemwo kimwe,25nakubiswe inkoni incuro zitatu, rimwe naratewe amabuye, namenekanywe n’ubwato incuro zitatu, namaze umusi n’ijoro mu kiyaga,26nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Narahatswe gutwarwa n’inzuzi, narahatswe kugirirwa nabi b’ibisuma, narahatswe kwicwa n’abo mu bwoko bwanje, narahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, narahatswe kwicirwa mu bisagara, narahatswe kwicirwa mu misozi, narahatswe gupfira mu kiyaga, narahatswe kwicwa n’abigira bene Data.27Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.28Ikirengeye ivyo, namana umwitwarariko ku bw’amashengero yose.29Iyo hagize uwuja mu ntege nke, nanje numva intege nke. Iyo hagize uwusubira mu vyaha numva umubabaro utovugwa.30Nimba nokwirata, nzokwirata kubw’ibingaragaza nk’umunyantegenke.31Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.32Igihe nari i Damasiko, uwatwarira umwami Areta yategetse ko igisagara ca Damasiko kirindwa kugira ngo mfatwe.33Ariko bene Data banshira mu giseke banyururutsa bancishije mw’idirisha ry’uruzitiro, ndamukira gutyo.
Biblica, Inc.