1 Yohana5

Ukwizera

1Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo muvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.2Ikitwereka ko dukunda abana b’Imana ni urukundo dukunda Imana no kwitondera amabwirizwa yayo.3Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye,4kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo ntsinzi ni ukwizera kwacu.5Nta muntu ashobora kunesha isi atizeye ko Yesu ari Umwana w’Imana.
6Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.7Hari ivyabona bitatu bishinga intahe:8 Mpwemu, amazi n’amaraso; kandi uko ari bitatu bishinga intahe imwe.9Nimba twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe ishinzwe n’Imana yo irakomeye kurusha, kandi iyo ntahe yayishingiye Umwana wayo.10Umuntu wese yizera Umwana w’Imana arazi mu mutima wiwe ko iyo intahe ari iy’ukuri. Ariko umuntu wese atizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atizeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.11Iyo ntahe na yo ni iyi: Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo buri mu Mwana wayo.12Umuntu wese afise Umwana afise ubugingo; umuntu wese adafise Umwana w’Imana nta bugingo afise.

Amajambo yo kurangiza

13Ibi ndabibandikiye mwebwe mwizeye izina ry’Umwana w’Imana kugira ngo mumenye ko mufise ubugingo budashira.14Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva.15Kandi uko tuzi ko itwumva iyo dusenze, ni ko tuzi kandi ko iduha ico tuyisavye.
16Niwabona mwene Data wundi akoze icaha kitari ico kumwicisha, uze umusengere, Imana na yo izoha uwo muntu ubugingo. Ibi ndabivuze ku muntu yakoze icaha kiticisha. Ariko hariho icaha cicisha; simvuze ngo musengere umuntu yakoze icaha nk’ico.17Igikorwa cose kibi ni icaha, ariko hariho ivyaha biticisha.
18Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.19Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.20Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.
21Bana nkunda, mwirinde ikintu cose cotwara ikibanza c’Imana mu mitima yanyu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e