1 Yohana4

Impwemu y’Imana n’impwemu ya Antikristo

1Bakundwa, ntimukizere abantu bose bavuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.2Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.3Ariko umuntu avuga ko avugishwa n’Imana ariko ntiyature Yesu, uwo ntava ku Mana. Umuntu nk’uwo afise impwemu ya antikristo, uwo mwumvise ko azoza kandi aramaze gushika mw’isi.
4Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.5Abo bavugishwa b’ibinyoma ni ab’isi ni co gituma bavuga nk’ab’isi kandi isi irabumviriza.6Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.

Imana ni urukundo

7Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.8Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.9Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.10Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.11Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.12Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.
13Ikitwereka ko tuguma mu Mana na yo ikaguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye.14Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.15Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.16Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo.
Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.
17Kandi uko tuba mu Mana, urukundo rwacu rurushiriza kuba urwuzuye. Ivyo bituma tutazogira ubwoba ku musi w’imanza, kuko muri ino si tubayeho nk’uko Yesu Kristo yabayeho.18Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.
19Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.20Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.21Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana ategerezwa gukunda bene Data.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e