2 Yohana1
1Jewe umutama w’ishengero,
Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,2kuko ukuri kuba muri twebwe kandi kuzogumana natwe ibihe bidashira:3Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Yesu Kristo, Umwana wayo, bibandanye bibana natwe mu kuri no mu rukundo.4Vyaranezereye cane kubona bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko Data yadutegetse.5Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.6Uru rukundo mvuga rusigura kwitondera amabwirizwa y’Imana, kandi yadutegetse gukundana, nk’uko mwavyumvise kuva mu ntango.7Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.8Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.9Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.10Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.11Umuntu wese amwakiriye aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi.12Mfise vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kubibandikira. Nizera ko nzobagendera tuvugana amaso mu yandi, kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.13Abana b’umuvukanyi wawe, umupfasoni yatoranijwe n’Imana, barakuramutsa.

Biblica, Inc.