Imigani9
Gutumira kwa Bwenge
1Bwenge yubatse inzu yiwe,ayishigikiza inkingi indwi.2Hanyuma ategura inyama z’amazimano, ategura n’umuvinyu arawutunganya,mbere ategura n’imeza yiwe.3Maze atuma abamukorera ngo baje gutumira,ahamagara n’ijwi rirenga ari ahataramutse ho mu gisagara, avuga ati:4“Abanyabwenge buke bose nibaze mu nzu yanje!”Ni ko abwira ibijuju, ati:5“Nimuze murye ivyokurya vyanje,munywe n’umuvinyu natunganije.6Nimuve mu nzira zanyu z’ukutamenya mubone kubaho;nimugendere mu nzira z’ugutahura.”7Uwuhanura umucokoranyi aba yikwegeye ibitutsi,kandi uwuhana umunyakibi yikwegera kugirirwa nabi.8Ntuze uhanure umucokoranyi, kuko azoca akwanka;uzohanure umunyabwenge, kuko azoca agukunda.9Niwigisha abanyabwenge, bazokwongererezwa ubwenge;kandi niwigisha abagororotsi, bazoca bongereza ubumenyi.10Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.11Muri jewe Bwenge ni ho imisi yawe izokwongererezwa,n’ubuzima bwawe bukongerwa imyaka.12Niwaba umunyabwenge, ubwenge bwawe buzoguha impera.Ariko niwaba inshirasoni, ni wewe nyene bizobabaza.13Umugore w’igipfu avugira hejuru;ntagira indero, nta n’ubwenge afise.14Yicara ku muryango w’inzu yiwe,ku ntebe iri ahataramutse ho mu gisagara,15agahamagara abahita,bigiriye mu vyabo,16Akabwira ibijuju ati:“Umunyabwenge buke wese niyinjire hano!”17“Amazi y’amibano araryoshe,n’indya ziririwe mu kinyegero ziri n’akanovera.”18Ariko abo ntibamenya ko aho ari ho abapfuye bari,ko abashitsi b’uwo mugore bari mu rwobo i kuzimu.Biblica, Inc.