Imigani8
Gutumira kwa Bwenge
1Ntiwumva ko Bwenge ariko ahamagara n’ijwi rirenga?Ntiwumva ko ugutahura kudugije ijwi ryakwo?2Ahagaze ku gatwe k’umusozi,no ku mahwane y’inzira.3Arasemerera ari ku marembo aja mu gisagarano ku mabarabara ajayo.4Avuga ati: “Yemwe bagabo, ni mwebwe mbwira;ndugije ijwi mpamagara abantu bose.5Yemwe mwa mburabwenge, nimuronke ubwenge.Namwe mwa bijuju, nimuronke ugutahura.6Nimunyumvirize, kuko mfise ivyiza vyo kubabwira,nteranuye akanwa kanje ngo mbabwire ibibereye.7Akanwa kanje kavuga ukuri,kuko iminwa yanje yanka ububeshi bw’uburyo bwose.8Amajambo yo mu kanwa kanje yose aragororotse,nta na rimwe muri yo rigoramye canke ry’uruhendo,9yose arumvikana ku bafise ubwenge,kandi aragororotse ku baronse ubumenyi.10Nimuhitemwo inyigisho zanje muzirutishe ifeza,n’ubumenyi muburutishe inzahabu.11Kuko ubwenge buhambaye kurusha amabuye y’agaciro,kandi nta co kwipfuzwa cogereranywa na bwo.12Jewe Bwenge mbana no kwiyubara.Kandi mfise ubwenge no kurobanura.13Kwubaha Uhoraho bitera kwanka ikibi.Ni co gituma nanka ubwibone, ukwishira hejuru,ingeso mbi hamwe n’amajambo y’uruhendo.14Kuja inama no kugira ivyiyumviro birashe ni ivyanje;mfise ugutahura hamwe n’ububasha.15Abami ni jewe ndabaha kuganza,abatware nkabaha gushinga amategeko abereye.16Abaganwa baganza kubera jewe,co kimwe n’abashizwe hejuru hamwe n’abacamanza bo kw’isi bose.17Nkunda abankunda,kandi abandondera bose bazondonka.18Ubutunzi n’icubahiro biri kumwe nanje,hamwe n’amatungo n’ubugororotsi.19Icamwa canje ni ic’agaciro gusumba inzahabu itunganijwe,ivyamwa vyanje bisumvya agaciro ifeza yarobanuwe.20Ngendera mu nzira z’ukugororoka,no mu nzira z’ubutungane.21Abankunda baragwa ubutunzi,kandi nzokwuzuza ibigega vyabo.22Uhoraho yambumvye mu ntango y’igikorwa ciwe,imbere y’uko arema ibindi vyose.23Nashizweho imbere y’ibihe,uhereye mbere na mbere, isi itararemwa.24Navutse ibiyaga bitararemwa,amasoko adudubiza amazi atarabaho.25Imbere y’uko imisozi ishirwaho, n’imbere y’uko imitumba ibaho,nari naravutse.26Navutse kera cane imbere y’uko Imana irema isi n’imirima,canke urushi rwa mbere rw’ivu.27Igihe yashiraho amajuru ni ho nari ndi,n’igihe yashiraho urubibe rw’i kuzimu ni ho nari ndi.28Igihe Uhoraho yashira ibicu hejuru ni ho nari ndi,kandi n’igihe yaha inkomezi amasoko y’i kuzimu ni ho nari ndi.29Igihe yashiraho imbibe z’ibiyaga,kugira ngo ntibirenge inkombe zavyo,kandi n’igihe yashiraho imfatiro z’isi ni ho nari ndi.30Ico gihe nari kumwe na yo ndi nk’umuhinga.Namana akamwemwe imisi yose,nezererewe imbere yiwe.31Nari nezererewe isi yose yaremye,nezererewe abana b’abantu.32None rero, bana banje, nimuntege amatwi;hahiriwe abagendera mu nzira zanje.33Nimwumve inyigisho zanje, maze mugire ubwenge,ntimuzirengagize.34Hahiriwe umuntu antega amatwi,akaguma anderetse ari ku muryango wanje ku musi ku musi,akandindirira mu rwinjiriro.35Kuko uwundonse aba aronse ubuzima,kandi agira ikiganza ciza k’Uhoraho.36Ariko uwutandondeye aba yishe ubuzima wiwe,kuko abanyanka bose bakunda urupfu.”Biblica, Inc.