Imigani10
1Imigani ya SalomoUmwana w’ubwenge anezereza se,ariko umwana w’igipfu ababaza nyina.2Ubutunzi buvuye mu kwiba ntiburamba,ariko ubugororotsi bukiza umuntu urupfu.3Uhoraho ntareka umugororotsi ngo yicwe n’inzara,ariko abuza umunyakibi kuronka ivyo umutima wiwe uhahamiye.4Amaboko anebwa akwega ubukene,ariko amaboko y’umwete aratungisha.5Uwusarura mu ci ni umwana w’ubwenge,ariko uwusinzira mw’iyimbura ni umwana ateye isoni.6Imigisha ni urugori rw’umugororotsi,ariko umuryano wuzuye akanwa k’umunyakibi.7Kwibuka umugororotsi ni umugisha,ariko izina ry’umunyakikibi rizozimangana.8Umutima w’umunyabwenge wemera ukurongorwa,ariko igipfu kidaharura ivyo kivuga cikwegera uguhona.9Intungane igenda ata co yinona,ariko uwuca mu nzira zigoramanze azomenyekana.10Uwuvuna urugohe rw’uburyarya atera umubabaro,kandi iminwa y’igipfu izana uguhona.11Akanwa k’umugororotsi ni isoko y’ubuzima,ariko akanwa k’umunyakibi kuzura umuryano.12Urwanko ruvyura amatati,ariko urukundo rupfuka ibibi vyose.13Ubwenge ubusanga ku minwa y’uwuzi kurobanura,ariko inkoni iri ku mugongo w’abatagira ubwenge.14Abanyabwenge bimbura ubumenyi,ariko akanwa k’igipfu kagikwegera uguhona.15Ubutunzi bw’umutunzi bumubera igisagara gikomeye,ariko ubukene ni bwo buhitana aboro.16Ingero y’abagororotsi ibazanira ubuzima,ariko umwimbu w’abanyakibi ni icaha n’urupfu.17Uwemera gutozwa indero ari mu nzira ijana mu buzima,ariko uwanka guhanurwa ahubisha abandi.18Uwuhisha urwanko iminwa yiwe yuzuye ububeshi,kandi uwuvuga abandi nabi ni igipfu.19Iyo amajambo abaye menshi, n’icaha kiba kiri hafi,ariko uwugumya ururimi ni umunyabwenge.20Ururimi rw’umugororotsi ni ifeza yarobanuwe,ariko umutima w’umunyakibi nta co umaze.21Amajambo y’umugororotsi afasha benshi,ariko ibipfu vyicwa no kubura ubwenge.22Umugisha w’Uhoraho uratungisha,kandi ntuvanzwe n’umuruho.23Igipfu kinezerererwa ingeso zaco mbi,ariko uwufise ugutahura anezerererwa ubwenge bwiwe.24Ivyo umunyakibi atinya ni vyo bizomushikira,kandi ivyo umugororotsi yipfuza ni vyo azohabwa.25Iyo igihuhusi kije, umunyakibi atwarwa na co,ariko umugororotsi yama ashikamye ibihe vyose.26Nk’uko inkarisha imerera amenyo canke umwotsi umerera amaso,ni ko umunebwe amerera shebuja.27Ukwubaha Uhoraho vyongereza imyaka yo kubaho,ariko imyaka y’umunyakibi izogabanywa.28Ico umugororotsi yitega ni umunezero,ariko ivyizigiro vy’umunyakibi nta ho bimushikana.29Inzira y’Uhoraho ni ubuhungiro bw’abagororotsi,ariko ni uguhona kw’umunyakibi.30Umugororotsi ntazorandurwa,ariko umunyakibi ntazokwama mu gihugu.31Akanwa k’umugororotsi kavuga ivy’ubwenge,ariko ururimi ruvuga ivy’ubujuju ruzocibwa.32Iminwa y’umugororotsi ivuga ibibereye,ariko akanwa k’umunyakibi kavuga amajambo y’ubujuju gusa.
Biblica, Inc.