Imigani7
Kwirinda umugore w’umusambanyikazi
1Mwana wanje, uzigame amajambo yanje,ubike amabwirizwa yanje muri wewe.2Uzigame amabwirizwa yanje kugira ngo ubone kubaho;urinde inyigisho zanje nk’uko urinda imbone y’ijisho ryawe.3Uzambare nk’impetauzandike ku mutima wawe.4Bwira ubwenge uti: “Uri mushikanje,”ugutahura ukwite incuti yawe.5Bizokurinda umugore w’umunyangesombi,bikurinde umugore w’icigenze n’amajambo yiwe asosa.6Umusi umwe nari kw’idirisha ry’inzu yanje,maze ncishije mu gitambara gikinze,7ndaba muvbantu ata co binona.Muri bo mbonamwo umusore umwe,umusore w’umuyabaga atagira ubwenge,8ajabuka ibarabara hafi y’aho umwe muri abo bagore yaba,agenda atumbereye inzu yiwe.9Bwari buhwibiriye, buriko burira;ijoro n’umwijima bitanguye kuza.10Maze wa mugore, aza kumusanganira,yambaye nka maraya, yuzuye uburyarya mu mutima.11Yari umugore avugira hejuru kandi w’intumvaibirenge vyiwe ntivyaragama mu nzu yiwe.12Hamwe yaba ari mw’ibarabara; ahandi mu masoko,aronderera impande zose.13Nuko afata wa musore, aramusomagura,amubwira ata dusoni ati:14“Uno musi nashikanye ikimazi c’ishimwe;nashikije ico nasezeranye.15Ni co gituma naje kugusanganira;nashaka kukubona, none ehe turahuye.16Uburiri bwanje bushasheko uburengeti bwiza,n’amashuka meza yera derere ava muri Egiputa.17Uburiri bwanje nabusize ibimota neza bitamirana,ari vyo imibavu, alowe na kinamoni.18Kaze twinywere ku rukundo gushika buce;ingo twinezereze mu rukundo,19kuko umugabo wanje si ho ari,yafashe urugendo rwa kure.20Yatwaye amahera menshi,ntazogaruka ukwezi kudaheze.”21Nuko amuhendahendesha amajambo asosa,amukwegesha akarimi kiwe karesha.22Ubwo nyene aca aramukurikirank’impfizi igiye mw’ibagiro,nk’igipfu baboshe bagira bagihane,23gushika umwampi umutobekeranije igitigu,nk’inyoni yiroha mu mutegoitazi ko iza kuhasiga ubuzima.24None rero, bana banje, nimunyumvirize;mutege amatwi amajambo yanje.25Ntimukareke imitima yanyu ngo ihindukirire inzira ziwe,canke ngo izimirire mu nzira acamwo.26Kuko yagwishije benshi,kandi abo yishe ntibaharurika.27Inzu yiwe ni inzira ijana mu mva,imanuka ija mu kibanza c’abapfuye.Biblica, Inc.