Imigani6

Kwirinda ubupfu

1Mwana wanje, nimba waremeye kurihira ideni mugenzawe,canke ugafata ingingo yo kwishingira umunyagahinga,2umaze gafatwa n’indahiro warahiye,waguye mu mutego w’amajambo yavuye mu kanwa kawe;3uzobigenze uku kugira ngo wibohore,kuko uzoba wamaze gukorokera mu maboko ya mugenzawe.Uze ugende wicishe bugufi imbere yiwe,umwinginge ushimitse.4Ntuze ukundire amaso yawe gusinzira,canke ibigohe vyawe ngo bitwarwe n’itiro.5Uze wikize nk’ingeregere ivuye mu maboko y’umuhigi,canke nk’inyoni ivuye mu mutego.
6Niwigire ku kimonyo, yewe wa munebwe we!Raba ingene gikora hanyuma uce ubwenge.7Ntikigira uwugitegeka,uwukiganza, canke uwugikoresha.8Ariko cegeranya ivyokurya mu ci,kigatororokanya imfungurwa mw’iyimbura.
9Mbega uzogeza ryari kuryama, yewe wa munebwe we?Uzova mw’itiro ryawe ryari?10Uravuga uti: “Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya,nigorore gatoya, mpfunye amaboko.”11Uko ni ko ubukene buzoguhwikira nk’igisuma,ubworo bugutere nk’umwambuzi.
12Umuntu w’imburakimazi kandi w’umunyakibi,ni we yama abesha.13Abesha ku rwenge mu kuvuna ingohe,agakeburanisha ibirenge vyiwe,agakoresha ibimenyetso n’intoke ziwe.14Umutima wiwe wama utegura gukora ibibi,kandi ibihe vyose avyura imitongano.15Ni co gituma ivyago bizomugwako mu kanya gato,akarandurwa giturumbuka ubutakivyuka.
16Hari ibintu bitandatu Uhoraho yanka, ahubwo ni indwi bimusesema:17amaso arabana abandi ubwibone, ururimi ruvuga ibinyoma, amaboko asesa amaraso y’uwutaco azira,18umutima utegura imigambi mibi, ibirenge vyirukira gukora ikibi,19icabona kivuga ibinyoma, hamwe n’umuntu ateranya abavukana.

Kwirinda ubusambanyi

20Mwana wanje, wumve ivyo so agutegeka,kandi ntiwanke ivyo nyoko akwigisha.21Ubizigame mu mutima wawe ibihe vyose,uvyambare mw’izosi.22Uri ku rugendo, bizokurongora,uryamye bizokurarira;kandi niwavyuka bizokuganiriza.23Kuko ibwirizwa ni itara,inyigisho ni urumuri,ukugabisha no gutoza indero na vyoni inzira ijana mu buzima.24Bizokurinda umugore w’ingeso mbi,n’akarimi gasosa k’umugore w’icigenze.
25Ntukamwipfuze mu mutima wawe kubera ubwiza bwiwe,kandi ntiwemere ko agukwegakwegesha amaso yiwe.
26Kuko maraya azogukwegera mu bukene,ariko umugore w’uwundi we kugukwegera urupfu.27Mbega umuntu yonyegeza umuriro mu mpuzu,impuzu ziwe ntizishe?28Umuntu yohonyora ku makara yaka,hanyuma ntashe?29Ni ko bimeze no ku wuryamana n’umugore w’uwundi muntu;nta wumukorako ngo abure guhanwa.
30Abantu ntibagaya uwivyeiyo ashaka kwivuna inzara.31Ariko iyo afashwe, ariha ivyo yivye bigwijwe incuro indwi,naho vyosaba kugurisha ubutunzi bw’umuryango wiwe bwose.32Ariko uwusambana n’umugore w’uwundi we ni igipfu;uwubikoze wese aba ashaka kuranduka.33Inguma n’ibimaramare ni vyo mugabane wiwe,kandi umugayo ntuzokwigera umuvako.
34Ugupfuha gutuma umugabo w’uwo mugore agira ishavu ry’inkazi,kandi ntazogira ikigongwe nihagera ko yihora.35Ntazokwakira indishi y’akababaro n’imwe,ntazokwemera ingabire zawe naho womuha ibingana iki.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e