Guharura23

Balamu avugishwa ubwa mbere

1Balamu aravuga ati: “Nyubakira ibicaniro indwi ngaha, munzanire n’impfizi indwi z’inka n’izindi indwi z’intama”2Balaki akora nk’uko Balamu avuze, hanyuma bompi batangira impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro cose.
3Nuko Balamu abarira Balaki ati: “Guma ngaha hafi y’ikimazi cawe nanje ngiye harya hirya ndabe ko Uhoraho hari ico yombwira. Ico ampishurira cose ndakikubwira.” Nuko Balamu aca araduga aja ku gatwe k’umusozi ata co kamerako.
4Imana ibonana na we, maze Balamu aravuga ati: “Nateguye ibicaniro indwi, kandi natangiye ku gicaniro cose impfizi y’inka n’iy’intama.”
5Uhoraho aramubwira ati: “Subira kwa Balaki umubwire ubu butumwa.”
6Nuko asubira kwa Balaki amusanga i ruhande ya ca kimazi ciwe, ari kumwe na ba baganwa b’i Mowabu.7Nuko Balamu atangura kuvugishwa ati:“Balaki yanzanye ankuye muri Aramu,umwami w’i Mowabu yankuye mu misozi yo mu buseruko.Ati: ‘Nuze, umvumire aba Yakobo;vuga ivy’ibibi ku Bisirayeli.’8Novuma nteAbo Imana itavumye?Novuga gute ibibiku bantu Uhoraho atavugako ibibi?9Ndi ku dutwe tw’agasozi k’amabuye nababona,ndi hejuru ku misozi, nabitegereza.Mbona ari ihanga ryibera ukwaryoritandukanye n’ayandi mahanga.10Ni nde yoharura umukungugu wa bene Yakobo?Ngo adondagure isinzi ry’Abisirayeli?Uzompe gupfa urupfu rw’abagororotsi,kandi n’iherezo ryanje rize ribe nk’iryabo!”
11Balaki abarira Balamu ati: “Unkoreye ibiki? Nakuzanye kumvumira abansi banje, none nta kindi uriko urakora atari ukubahezagira!”
12Aramwishura ati: “Mbega sinkwiye kuvuga ivyo Uhoraho ashize mu kanwa kanje?”

Balamu avugishwa ubwa kabiri

13Nuko Balaki aramubwira ati: “Ingo tujane ahandi aho ushobora kubabona bose. Aha ubona igice cabo gusa ariko ntushobora kubabona bose. Aho ni ho uca ubamvumira.”14Nuko amujana ku kibuga co gushibamako c’i Zofimu ku gatwe k’umusozi Pisiga, ahubaka ibicaniro indwi abituririrako impfizi y’inka n’impfizi y’intama kuri kimwekimwe cose.
15Balamu abarira Balaki ati: “Guma ngaha hafi y’ikimazi cawe nanje ngiye guhura n’Uhoraho hariya.”
16Uhoraho ahura na Balamu ashira mu kanwa kiwe ivyo aja kuvuga, aca aramubwira ati: “Subira aho Balaki ari umushire ubu butumwa.”
17Nuko aja iyo Balaki ari amusanga agihagaze i ruhande ya vya bimazi vyiwe, ari kumwe na ba bakuru b’i Mowabu. Balaki aramubaza ati: “Uhoraho yavuze iki?”
18Maze Balamu atangura kuvugishwa ati:“Haguruka, Balaki wumvirize;nunyumve, yewe mwene Zipori.19Imana si umuntu,ngo ibeshe,canke umwana w’umuntu,ngo yivuguruze.Iyo ivuze ikintu, iragikora;iyo isezeranye, irashitsa isezerano.20Nategetswe guhezagira;Imana yarahezagiye, nanje sinoshobora kubihindura.
21Nta kibi yabonye mu ba Yakobo,nta karenganyo yabonye mu Bisirayeli.Uhoraho Imana yabo iri kumwe na bo;impundu y’Umwami yumvikana muri bo.22Imana yabakuye muri Egiputa;bafise inkomezi nk’iz’imbogo.23Nta muvumo ushobora gushika ku ba Yakobo,nta bupfumu bwogira ico bumara ku Bisirayeli.Guhera ubu bizohora bivugwa kuri Yakobono kuri Isirayeli ngo: ‘Raba ivyo Imana yakoze!’24Iryo hanga rihaguruka nk’intambwe y’ingore;bahaguruka nk’intareitaruhuka itaratabagura ico yishekandi itaranywa amaraso y’ivyo yahize.”
25Nuko Balaki abarira Balamu ati: “Nimba udashaka kubavuma reka no kubahezagira!”
26Balamu arishura ati: “Sinakubwiye ko ntegerezwa gukora ivyo Uhoraho avuze?”

Balamu avugishwa ubugira gatatu

27Balaki abarira Balamu ati: “Nuze ndakujane ahandi. Kumbure bizohimbara Imana ikureke ubamvumire uri ngaho.”28Balaki ajana Balamu ku gatwe k’umusozi wa Peyori, hahanamiye ubugaragwa.
29Balamu aravuga ati: “Nyubakira ibicaniro indwi ngaha, untegurire impfizi indwi z’inka n’impfizi z’intama indwi.”30Balaki akora nk’uko Balamu yavuze, aca ashikana impfizi y’inka n’iy’intama ku gicaniro cose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e