Guharura24

1Maze Balamu abonye ko Uhoraho yashimye guhezagira Abisirayeli, ntiyagenda hirya kurondera uguhishurirwa n’Uhoraho nk’uko yari yamye abikora ubwa mbere, ariko arahindukira yerekeza amaso mu bugaragwa.2Maze Balamu araramuye amaso abona Abisirayeli bacumbitse bakurikije uko imiryango yabo imeze, Mpwemu w’Imana amuzako3aca aravugishwa ati:“Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga,uku ni ko uwubona neza avuga,4Uku ni ko uwumva amajambo y’Imana avuga,uwubona ivyo yeretswe n’Iyishoboravyose,uwubama hasi, amaso yiwe akuguruka:
5Ese ingene amahema yawe ari meza, yewe Yakobo,amazu wiberamwo, yewe Isirayeli!
6Bimeze nk’inzuzi zitemba,ni nk’imirima itewe hafi y’umugezi;ni nk’ibiterwa vyitwa Alowe vyatewe n’Uhoraho,ni nk’ibiti vy’amasederi ari i ruhande y’amazi.7Amazi azosesa arenge inkombe zayoImbuto zavyo zizoronka amazi menshi.Umwami wabo azoba uwuhambaye kuruta Agagi;ubwami bwabo buzoshirwa hejuru.
8Imana yabakuye muri Egiputa;bafise inkomezi nk’iz’imbogo.Bazorigata amahanga abankaamagufa yabo bayagire ubunywenywe;bazobatobaguza imyampi yabo.9Baricaye barabunze nk’intambwe,mbere nk’intambwe y’ingore; ni nde yobavyura?Abaguhezagira baragahezagirwa,abakuvuma na bo barakavumwa!”
10Nuko Balaki ashavurira Balamu cane. Akubita amashi ku yandi aramubwira ati: “Nagutumyeko kuvuma abansi banje, ariko wabahezagiye incuro zitatu zose.11Va ngaha, taha ubu nyene! Nari navuze ko ndakugerera ingero ishimishije, ariko Uhoraho akubujije kugererwa.”
12Balamu yishura Balaki ati: “Nari nabwiye abo watumye kumpamagara nti:13‘Naho Balaki yompa ikirimba ciwe cuzuye inzahabu n’ifeza, sinzogira ico nkora na kimwe nigeneye, caba ciza canke kibi, ngo nyuranye n’ico Uhoraho yategetse; ntegerezwa kuvuga ivyo Uhoraho avuga’?14Ubu rero ndisubiriye iwacu, ariko reka ndakuburire ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe mu misi izoza.”

Ubutumwa bwa kane bwa Balamu

15Nuko atangura kuvugishwa ati:“Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga,uwufise amaso abona neza avuga ibi,16uwufise amatwi yumva amajambo y’Imana avuga ibi,uwufise ukumenya kuva ku Yisumbavyose,akabona ivyo yeretswe n’Iyishoboravyose,uwuca bugufi akubama, amaso yiwe akuguruka:
17Ndamubona, ariko si ubu nyene;ndamwitegereza, ariko ntari hafi.Inyenyeri izova muri Yakobo;icumu ry’ukuganza rizoshingwa muri Isirayeli.Azomenagura mu ruhanga h’Abanyamowabu,amenagure imitwe ya bene Sheti.18Edomu hazoneshwa;Seyiri, mu bansi biwe hazoneshwa,ariko Isirayeli azokuzwa.19Uwuganza azova muri Yakoboarandure amasigarira y’igisagara.”

Ubutumwa bwa gatanu bwa Balamu

20Nuko Balamu abonye Abamaleki atangura kuvugishwa ati:“Abamaleki bahora ari ihanga rya mbere mu yandi,ariko iherezo ryabo bazoranduka rwose.”

Ubutumwa bwa gatandatu bwa Balamu

21Abonye Abakayini abavugishwako ati:“Wibera ahatekanye,icari cawe kiri ku gitandara;22ariko mwebwe Abakayini muzosamburwaigihe Abashuri bazokujana uri inyagano.”

Ubutumwa bw’indwi bwa Balamu

23Yongera kuvugishwa ati:“Yo! Mbega ni nde azosigara Imana atari yo imushigaje?24Amato azova ku nkengera za Kupuro;acinyize Ashuri kandi ababaze Eberi,ariko na bo nyene amaherezo bazoranduka.”
25Nuko Balamu ava hasi yitahira iwe Balaki na we ajana inzira yiwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e