Guharura22

Balaki atumako Balamu

1Nuko Abisirayeli bagenda berekeye ku kiyaya c’i Mowabu, baca bacumbika ku nkengera y’uruzi Yorodani hakurya y’i Yeriko.
2Maze Balaki mwene Zipori abona ivyo Abisirayeli bakoreye Abamori,3Abanyamowabu baca bagira ubwoba bwinshi kuko Abisirayeli bari benshi. Kandi vy’ukuri Abanyamowabu baciye bihebura kubera Abisirayeli.
4Nuko Abanyamowabu babarira abatware b’i Midiyani bati: “Iri sinzi ry’aba bantu bagiye kurigata ibintu vyose bidukikuje, baturigate nk’uko inka irisha ubwatsi.”
Nuko Balaki mwene Zipori ari we yari umwami w’i Mowabu muri ico gihe,
5Arungika intumwa guhamagara Balamu mwene Beyori, yari i Petori, hafi y’uruzi Efurate, iyo yavuka. Balaki aravuga ati:
“Hari abantu bavuye muri Egiputa; buzuye igihugu cose kandi begereye aho ndi.
6Nuko rero nuze ubamvumire, kuko bandusha inkomezi. Kumbure noshobora kubanesha nkabasohora mu gihugu canje. Kuko nzi ko abo uhezagiye bahezagirwa, abo uvumye bakabako umuvumo.”
7Maze za ntumwa zari zigizwe n’abakuru b’i Mowabu n’i Midiyani baragenda, batwaye n’ingemu. Bashitse kwa Balamu, bamubarira ivyo Balaki yabatumye.
8Balamu ababarira ati: “Nimurare ngaha, nanje nzobabwira inyishu Uhoraho azompa.” Nuko abo bakuru b’i Mowabu bagumana na we.
9Maze Imana iraza ibaza Balamu iti: “Abo bantu muri kumwe ni ba nde?”
10Balamu yishura Imana ati: “Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu, yantumyeko ubutumwa buvuga ngo:11‘Abantu bavuye muri Egiputa buzuye igihugu cose. None nuze ubamvumire. Kumbure noshobora kubagwanya no kubirukana mu gihugu.’ ”
12Ariko Imana ica ibwira Balamu iti: “Ntujane na bo. Ntuze uvume abo bantu kuko bahezagiwe.”
13Bukeye mu gitondo Balamu aravyuka abarira ba bakuru ba Balaki ati: “Nimusubire mu gihugu canyu, kuko Uhoraho yanse ko njana namwe.”
14Maze ba bakuru b’i Mowabu basubira kuri Balaki baramubwira bati: “Balamu yanse kuzanana natwe.”
15Hanyuma Balaki atuma abandi bakuru benshi kuruta ba bandi babarusha n’icubahiro.16Bashika kwa Balamu baramubwira bati:
“Balaki mwene Zipori avuze ngo: Ntihagire ikikubuza kuza iwanje,
17kuko nzoguha impembo ishimishije kandi nzokora ico uzombwira cose. Nuze umvumire aba bantu.”
18Ariko Balamu arabishura ati: “Naho Balaki yompa inzahabu n’ifeza vyuzuye inzu yiwe, sinokora ikintu na kimwe, caba kinini canke gito, ngo ndenge kw’itegeko ry’Uhoraho Imana yanje.19Nuko nimurare hano nk’uko abandi bagize, nanje menye ico Uhoraho ari bumbarire.”
20Iryo joro Imana iraza ibaza Balamu iti: “Aba bantu ko baje kuguhamagara, jana na bo, ariko uze ukore ico nzokubwira gusa.”

Indogoba ya Balamu

21Balamu avyuka mu gitondo, ategura indogoba yiwe ajana n’abo bakuru b’i Mowabu.22Ariko Imana ishavuzwa cane n’uko Balamu agiye, maze umumarayika w’Uhoraho ahagarara mu nzira ngo amutangire. Balamu yari ku ndogoba yiwe, kandi yari kumwe n’abakozi biwe babiri.23Ya ndogoba ibona wa mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira afise inkota isokoye mu rwubati, ica irakevya ija mw’ishamba; ariko Balamu arayikubita ayisubiza mu nzira.
24Nuko wa mumarayika w’Uhoraho ahagarara ahantu inzira yaga hagati y’imizabibu ibiri, hari impome zibiri ku mpande zose.25Ya ndogoba ibonye wa mumarayika w’Uhoraho, igerageza kumuca i ruhande yegera uruzitiro ruri ku nzira, ica ifyondera ikirenge ciwe kuri rwa ruzitiro. Nuko aca arasubira arayikubita.
26Maze wa mumarayika w’Uhoraho arasubira yigira imbere ahagarara aho inzira yaga ata ho ishobora gukebereza, haba i buryo canke i bubamfu.27Ya ndogoba ibonye wa mumarayika w’Uhoraho, ica iryama hasi Balamu akiri kuri yo, na we aca arashavura cane aca arayikubita.28Nuko Uhoraho yugurura akanwa ka ya ndogoba, ibwira Balamu iti: “Mbega nagukoreye iki ko umaze kunkubita gatatu kose?”
29Balamu yishura iyo ndogoba ati: “Wankinishije! Iyo mba mfise inkota, mba ndakwishe ubu nyene!”
30Ya ndogoba yishura Balamu iti: “Mbega sindi indogoba yawe, iyo wahora ugenderako, gushika uwu musi? Mbega nari bwagukorere nk’ibi?”
Arishura ati: “Oya.”
31Nuko Uhoraho yugurura amaso ya Balamu, abona wa mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira yasokoye inkota mu rwubati. Aca arunama aryama hasi.
32Wa mumarayika w’Uhoraho aramubaza ati: “Wakubitiye iki iyo ndogoba yawe gatatu kose? Nzanywe no kugutangira kuko inzira uriko urajana itari yo mu maso yanje.33Indogoba yambonye ica irakevya gatatu kose. Iyo idakevya, ubu mba nakwishe, ariko yo nkayireka.”
34Balamu yishura Umumarayika w’Uhoraho ati: “Nacumuye. Sinamenye ko uhagaze mu nzira ngo untangire. Ubu niwaba udashaka ko ngenda, nca nsubira inyuma.”
35Uwo mumarayika w’Uhoraho abarira Balamu ati: “Jana n’abo bantu, ariko uzovuga ivyo nkubwira gusa.” Nuko Balamu ajana n’abo bakuru ba Balaki.
36Balaki amenye ko Balamu ariko araza, arasohoka aja kumusanganira mu gisagara c’Abanyamowabu kiri ku nkengera ya Arunoni, ku rubibe rw’igihugu ciwe.37Balaki abarira Balamu ati: “Mbega ko nagutumyeko ubutumwa bwihutirwa ntuze? Ni kubera iki utaje kare? Mbega wibaza ko ntashoboye kuguha ingero ikwiye?”
38Balamu arishura ati: “Ehe ndaje ubu, ariko sinshobora kuvuga ico nishakiye. Nja kuvuga ivyo Imana ija gushira mu kanwa kanje gusa.”
39Nuko Balamu ajana na Balaki i Kiriyati-Huzoti.40Balaki atanga ibimazi vy’inka n’intama, bimwe abiha Balamu na ba bakuru bari kumwe na we.41Bukeye mu gitondo Balaki atwara Balamu ku musozi Bamoti-Bayali, aho ashobora kubona igice c’Abisirayeli.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e