Zaburi80

Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ibirungu vy’Isezerano”. Ni iya Asafu.

1Nutwumve, Mwungere wa Isirayeli,wewe urongora aba Yosefu nk’umukuku.Wewe uvyagiye hagati y’abakerubi,kayangana2imbere ya Efurayimu, Benyamini na Manase.Vyuka mu nkomezi zawe;nuze udukize.
3Tugarukane, ewe Mana;tumurikishirize mu nyonga hawe,kugira ngo dukire.
4Uzogeza ryari, Uhoraho Imana Mushoboravyose,kuturakirano gushiburira kure ugusenga kw’abantu bawe?5Wabagaburiye indya z’amosozi;wabanywesheje ikiyaga c’amosozi.6Waduhinduye akamenyo mu bihugu bidukikije,kandi abansi bacu baraducokora.
7Tugarukane, ewe Mana Mushoboravyose;tumurikishirize mu nyonga hawe,kugira ngo dukire.
8Wabatuye umuzabibu uwukuye muri Egiputa;wirukana amahanga uraheza urawubadika.9Wawuteguriye aho kuwutera,maze ushora imizi ukwira igihugu cose.10Imisozi yose yapfutswe n’igitutu cawo,amashami yawo yapfutse amasederi maremare y’Imana11Amashami yawo yashitse no ku Kiyaga Mediterane,imivyaro yawo ishika kuri rwa Ruzi.
12Ni kuki wahomvoye inzitiro zawobigatuma abirenganira bamura inzabibu zawo?13Ingurube zo mw’ishamba zarawononye,n’udukoko two ku misozi turawurisha.14Garuka aho turi, Mana Mushoboravyose!Urunguruke uri mw’ijuru urabe!Garuka witwararike uwo muzabibu wawe,15umuzi ukuboko kwawe kw’i buryo kwabaditse,umwana wirereye ngo abe uwawe.
16Umuzabibu wawe uciriwe hasi, utongowe n’umuriro;ku bwo gukankama kwawe, abantu bawe barahonye.17Ukuboko kwawe ni kugume ku muntu ari i buryo bwawe,ku mwana w’umuntu wirereye ngo abe uwawe.18Maze natwe ntituzokuvako;duhembure, natwe tuzokwambaza izina ryawe.
19Tugarukane, ewe Uhoraho Mana Mushoboravyose;tumurikishirize mu nyonga hawe,kugira ngo dukire.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e