Zaburi79

Ni Zaburi ya Asafu.

1Mana, amahanga yateye mu mugabane wawe;bahumanije Ingoro yawe yera,Yerusalemu bahahinduye umusaka.2Imivyimba y’abasavyi bawebayigaburiye ibisiga vyo mu kirere,inyama z’abantu bawe bazigaburiye ibikoko vyo mw’ishamba.3Basheshe amaraso nk’amazihirya no hino i Yerusalemu,kandi nta muntu asigaye wo guhamba abapfuye.4Ku babanyi bacu twahindutse akamenyo,turacokorwa tugatukwa n’abadukikije.
5Uzogeza ryari, ewe Uhoraho? Uzokwama uturakiye ibihe vyose?Uburake bwawe buzotuziriringira kugeza ryari?6Suka uburake bwawe kuri ayo mahangaatakwemera,kuri ubwo bwamibutambaza izina ryawe;7Kuko batsontsomeye Yakobobagasambura igihugu ciwe.
8Ntuduharureko ivyaha vya ba sogokuruza;imbabazi zawe nizize zinyaruka aho turi,kuko dukeneye gutabarwa.9Dufashe, Mana mukiza wacu,ku bw’icubahiro c’izina ryawe;dukize uduharire n’ivyaha vyacuku bwo’izina ryawe.10Ni kuki amahanga yobaza ati:“Imana yabo iri hehe?”Imbere y’amaso yacu, menyekanisha mu mahangako uhora amaraso y’abasavyi bawe yasesetse.11Amaborogo y’imbohe nashike imbere yawe;ukirishe ukuboko kwawe kw’inkomezi abagerewe gupfa.12Usubirize mu nkoko abadukikije incuro indwiagacokoro bagucokoye, ewe Mana.13Maze twebwe abantu bawe, intama zo mu buragiro bwawe,tuzoguhimbaza ibihe bidashira;uko urunganwe ruzokurikirana n’urundituzokwamamaza ishimwe ryawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e