Zaburi81
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Muri Gititi. Ni iya asafu.
1Nimuvugirize Imana impundu y’umunezero, yo nkomezi zacu;muririmbire Imana ya Yakobo n’ijwi rirenga!2Shirako mucurarange, muvuze ingoma,muvuze inanga y’ijwi rirengera n’ikembe.3Muvuze ihembe ry’intama ku mboneko y’ukwezi,no mu mfato zakwo, ku musi mukuru wacu;4iki ni icagezwe kuri Isirayeli,ni ibwirizwa ry’Imana ya Yakobo.5Aho Imana yaja kugwanya Egiputa,yarishinze nk’ibwirizwa ku ba Yosefu.Numvise ijwi ntazi rivuga riti:6“Nabatuye umutwaro wari ku bitugu vyabo;nakijije amaboko yabo ibitebo vy’amatafari.7Mu marushwa yanyu mwaranyambaje nanje ndabakiza,nabishuye ndi mu gihuhusi;nabagereje ku mazi y’i Meriba.8Nimuntege amatwi, yemwe bantu banje, kuko ngira ndabihanikirize;ese icompa mukanyumvira, yewe Isirayeli!9Ntihakagire imana y’inyamahanga iba muri mwebwe;ntihakagire iyindi mana musenga atari jewe.10Ndi Uhoraho Imana yanyu,nabaduganye ndabakuye muri Egiputa.Asama cane nanje nduzuza akanwa kawe.11Ariko abantu banje ntibanyumviye;Isirayeli ntibanyubashe.12Ni co catumye ndeka imitima yabo ikomantayengo ikurikire ivyo biyumvira.13Icompa abantu banje bakanyumvira,icompa Isirayeli bagakurikira inzira zanje,14nokwirukanye abansi babo vubanohindukirije ukuboko kwanje ku babagwanya!15Abanka Uhoraho bomwunamira,kandi igihano cabo cobaye ic’ibihe vyose.16Ariko mweho mwogaburiwe ingano z’indobanurwa;kandi nobahagije ubuki bwo mu gitandara.”Biblica, Inc.