Zaburi23

Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho ni we Mwungere wanje, nta co nkenye.2Ampa kuruhukira mu canya c’ubwatsi butotahaye,andongorera i ruhande y’amazi adasuma,3asubiza intege mu mutima wanje.Andongorera mu nzira z’ukuri,kugira ngo aheshe icubahiro izina ryiwe.4Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,sinzogira ikibi ntinya,kuko uri kumwe nanje;inkoni yawe n’ubuhiri bwaweni vyo binkingira bikampumuriza.
5Untegurira umusi mukurumu maso y’abansi banje.Unsuka amavuta ku mutwe;igikombe canje kirasesekaye.6Ni ukuri ukugira neza kwawe n’urukundo rwawe bizonkurikiranaimisi yose y’ukubaho kwanje,nanje nzoba mu Ngoro y’Uhorahoibihe vyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e