Zaburi22

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa “Ikime co mu Gatondo.” Ni Zaburi ya Dawidi.

1Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?Ni kuki wangiye kure ngo ntuntabare,ko wangiye kure ngo ntiwumve amajojwa yanje?2Mana yanje, ndagutakambira ku murango, ariko ntunyishure,no mw’ijoro sintora agatiro.
3Ariko uri Uwera, uvyagiye ku ntebe y’ubwami;uri mu mashimwe ya Isirayeli.4Ba sogokuruza barakwizigiye;barakwizigiye urabatabara.5Baragutakambiye barakira;barakwizigiye ntibamaramara.
6Ariko jeho ndi umusiba, sindi umuntu,ncokorwa na bose, nankwa n’abantu.7Abambona bose baritwengera;barantuka bakazunguza imitwe.8“Baravuga bati: ‘Yizigiye Uhoraho,Uhoraho namukize.Namutabare,ko amunezerererwa.’ ”
9Ariko ni wewe wankuye mu nda ya mama,wampaye kukwizigira no mu gihe nari kw’ibere rya mama.10Nashizwe mu maboko yawe kuva nkivuka;kuva nkiri mu nda ya mama wamye uri Imana yanje.
11Ntumbe kure,kuko amarushwa anyegereyekandi ata wo kuntabara.
12Impfizi nyinshi zirankikije;impfizi z’inkomezi z’i Bashani zintaye hagati.13Intambwe zitontoma zitabura ico zisheziranyasamiye ngo zimire.14Nsutswe hasi nk’amazi,amagufa yanje aratanye.Umutima wanje urashonze nk’ishashara;ushongeye muri jewe.15Akanwa kanje karumye nk’inkono y’ibumba iturirwe,n’ururimi rwanje rufatanye n’amagage;undyamitse mu mukungugu w’urupfu.
16Imbwa zirankikije,akarwi k’inkozi z’ibibi kantaye hagati.Batoboye ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje.17Amagufa yanje yose yanamye hejuru,abansi banje na bo bihera ijisho.18Bagabuye impuzu zanjebapfindira umutamana wanje.
19Ariko weho, Uhoraho, ntube kure yanje.Uri inkomezi zanje; nyaruka untabare.20Nunkize inkota,ubuzima bwanje bw’igiciro ubukize imbwa.21Nunkize unkure mu kanwa k’intambwe;nunkize unkure mu mahembe y’imbogo.
22Nzokwamamaza izina ryawe mu bavukanyi banje;nzoguhimbaza ikoraniro rikoranye.23Yemwe abubaha Uhoraho, nimumushime!Yemwe aba Yakobo mwese, nimumuhe icubahiro!Nimumwubahe mwese, yemwe bene Isirayeli!24Kuko atakengereye canke ngo acokoreumugorwa ari mu mubabaro;ntiyamuhishije mu nyonga hiweariko yumvise ugutakamba kwiwe.
25Ishimwe ryanje ndi mw’ikoraniro riva kuri wewe;nzoshitsa ivyo narahiye ndi imbere y’abakwubaha.26Umukene azorya ahage;abarondera Uhoraho bazomushima;imitima yanyu irakaramba ibihe vyose!
27Abo ku mpera z’isi bosebazokwibuka bahindukirire Uhoraho,n’imiryango yose yo mu mahangaizokwunama imbere yiwe,28kuko kuganza ari ukw’Uhorahokandi ni we ategeka amahanga.
29Abatunzi bose bo mw’isi bazogira umusi mukuru basenge;abamanuka baja i kuzimu bazopfukama imbere yiwe;abadashobora kwibeshaho ubwabo.30Abazobakomokako bazomukorera;abo mu runganwe ruzoza bazobwirwa ivy’Imana.31Bazokwamamaza ukugororoka kwiwe,babwira abataravuka bati:“Yarabikoze!”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e