Zaburi24
Ni Zaburi ya Dawidi.
1Isi ni iy’Uhoraho, n’ibiri muri yo vyose,isi n’ababa muri yo bose;2kuko yashize amatanguriro yayo ku biyagaakayishinga ku mazi menshi.3Ni nde azoduga umusozi w’Uhoraho?Ni nde azohagarara ahera hiwe?4Ni uwufise amaboko atanduye n’umutima utunganye,atizigira ikigirwamanacanke ngo arahire imana z’ibinyoma.5Uwo ni we azohabwa umugisha uva k’Uhorahono kuburanirwa n’Imana Umukiza wiwe.6Urwo ni rwo runganwe rw’abamurondera,bakarondera mu nyonga hawe, ewe Mana ya Yakobo.7Nimwiyugurure, yemwe marembo;nimwiyugurure, mwa nzugi z’ibihe vya kera,kugira ngo Umwami w’ubwiza yinjire.8Uwo mwami w’ubwiza ni nde?Ni Uhoraho umunyenkomezi kandi umunyabushobozi,ni Uhoraho umuhizi mu ntambara.9Nimwiyugurure, yemwe marembo;nimwiyugurure, yemwe nzugi z’ibihe vya kera,kugira ngo Umwami w’ubwiza yinjire.10Uwo Mwami w’ubwiza ni nde?Ni Uhoraho Mushoboravyose;ni we Mwami w’ubwiza.Biblica, Inc.