Imigani18
1Ingunge irondera ivyayo yonyene yitandukanya n’abandi,kandi igwanya ivyiyumviro vyiza vyose.2Igipfu ntikinezerererwa ugutahura,kinezerezwa n’ukugaragaza ivyiyumviro vyaco.3Iyo haje ubukozi bw’ikibi haba haje umugayo;kandi ubushizi bw’isoni buzana igitutsi.4Amajambo y’ubwenge ameze nk’ibenga rirerire,kandi ubwenge buva ku banyabwenge bumeze nk’uruzi rusuma.5Ntibibereye kweza umunyakibi,canke kurenganya umugororotsi.6Iminwa y’igipfu yisuka mu mitongano,kandi akanwa kiwe kamukwegera inkoni.7Akanwa k’igipfu ni ko kakirandura,kandi iminwa yiwe ni yo mutego w’umushaha wiwe.8Amajambo y’urusaku ameze nk’ivyokurya biryoshe,aramanuka agashika i bwina mu mutima w’umuntu.9Umunebwe mu gikorwani mwenewabo n’umuranduzi.10Izina ry’Uhoraho ni umunara ukomeye;abagororotsi barihungiramwo bakaba amahoro.11Ubutunzi bw’umutunzi bumubera igisagara gikomeye;yibaza ko ari igihome kiturirwa.12Ukwishira hejuru kw’umutima ni intango yo kugwa,ariko ukwicisha bugufi ni intango y’icubahiro.13Gushoka wishura utabanje kwumvirizani ubupfu, biramaramaza.14Umutima w’umuntu ni wo umufasha kwihanganira ingwara;ariko umutima ubabaye ni nde yowihanganira?15Umutima urondera ugutahura wironkera ubumenyi,kandi ugutwi kw’umunyabwenge ni co kurondera.16Ugutanga bicira inzira uwutanga,bikamushikana imbere y’abahambaye.17Uwitwaye ubwa mbere asa nk’aho ari we ari mu kuri,gushika uwumuhinyuza ashitse.18Ubupfindo bumara impari,bugatatura ibihangange bihanganye.19Umuvukanyi yacumuweko aragoye gushikira kurusha gufata igisagara kizitiye,impari zitandukanya abagenzi ni nk’ibihindizo vyo ku kirimba.20Amajambo y’ubwenge ahaza kurya kw’imfungurwa ziryoshe,kandi amajambo avuzwe mu gihe ciza ashika ku nyota.21Ururimi rufise ububasha bwo kwica no gukiza,kandi abakunda kuvuga bazorya ivyamwa vyarwo.22Uwuronse umugore aba aronse itunga ryiza,kandi agirirwa ubuntu n’Uhoraho.23Umukene avuga yinginga,ariko umukire yishurana amanyama.24Uwufise abagenzi benshi bashobora kumusenyura,ariko umugenzi w’ukuri akuba hafi gusumvya uwo muvukana.
Biblica, Inc.