Imigani17

1Umukate wumye uririwe mu mahorouruta imisi mikuru ibera mu nzu z’umuryano.
2Umukozi w’ubwenge azoganza umuhungu ari igito wa shebuja,kandi azotorana hagati mu bana ba shebuja.
3Ifeza n’inzahabu bitunganywa n’umuriro,ariko imitima isuzumwa n’Uhoraho.
4Ababi bararyoherwa no kwumviriza iminwa yararaza abandi;kandi umubeshi atega amatwi ururimi ruteranya.
5Uwugaya umworo aba akengereye Uwamuremye;kandi unezerezwa n’ivyago vya mugenziwe ntazobura kubihanirwa.
6Abuzukuru ni urugori rw’umusaza,kandi abavyeyi ni vyo vyirato vy’abana.
7Ukuba imvuzi ntibibereye igipfu;ariko ikirushirije, akanwa kavugaibinyoma ntikabereye umurongozi.
8Igiturire kimeze nk’igiheko kizana imigisha ku wugitanga;yumva ko azogira amahirwe mu vyo azojamwo vyose.
9Uwugomba gukomeza urukundo yirengagiza icaha yakorewe,ariko uwuguma yibukiriza icaha atandukanya abagenzi.
10Ugukankamira umunyabwenge bimushika ku mutimakurusha inkoni ijana zikubiswe ku mugongo w’igipfu.
11Abanyakibi bavyura umugararizo ku Mana,ariko bazotumwako intumwa y’urupfu.
12Hako uhura n’igipfu kiri mu bupfu bwacowopfuma uhura n’idubu bivye ivyana vyaryo.
13Uwishura inabi ineza,ikibi nticigera kiva mu nzu yiwe.
14Uwutangura gutongana ameze nk’uwugomorora urugomero runini;none rero va mu bihari gutongana bitaratangura.
15Kweza umunyakibi no gutuma umugororotsi atsindwa,Uhoraho avyanka vyompi.
16Mbega amahera mu minwe y’igipfu yokimarira iki,kandi kitipfuza kugira ubwenge?
17Umugenzi agukunda ibihe vyose,kandi umuvukanyi yavukiye guseruka mu marushwa.
18Umunyabwengebuke arahirira kwishinga ideni ry’uwundi,akiyemeza kuzomurihira.
19Uwukunda gutongana akunda icaha,kandi uwiyubakira inzitiro ndende yikwegera ivyago.
20Igipfu co mu mutima ntikigubwa neza,kandi umubeshi agwa mu makuba.
21Kugira umwana w’igipfu bitera umubabaro,kandi se w’igipfu nta munezero yigera agira.
22Umutima unezerewe ni umuti mwiza,ariko umutima ubabaye umara inkomezi mu mubiri.
23Umunyakibi yakira igiturirekugira ngo ace urwa ngondagonde.
24Ubwenge bwama buri hafi y’umunyabwenge,ariko igipfu kija kuburonderera ku mpera z’isi.
25Igipfu gitera umubabaro se waco,uwakivyaye kikamutera umururazi.
26Si vyiza gucira igihano umugororotsi,canke guhora umutware ubugorotsi bwiwe.
27Uwuvuga make ni umunyabwenge,kandi uwutekanye mu mutima afise ugutahura.
28N’igipfu iyo cinumiye ciyumvirwa ko ari umunyabwenge,kandi iyo kigumije ururimi bavuga ko gifise ugutahura.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e