Imigani19
1Wopfuma uba umukene uri inyankamugayohako uba igipfu akanwa kaco kuzuye amajambo y’ibinyoma.2Si vyiza kugira ishaka ritarimwo ubwenge,canke kwihuta hanyuma umuntu agahusha inzira.3Ubupfu bw’umuntu ni bwo bwonona ubuzima bwiwe,ariko umutima wiwe ukarakarira Uhoraho.4Ubutunzi bukwega abagenzi benshi,ubukene bugatuma abagenzi benshi bahunga.5Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa,kandi uwuvuga ibinyoma ntazogenda atabihaniwe.6Abantu benshi barondera kugirirwa ubuntu n’umutware,kandi umuntu wese yipfuza kuba umugenzi w’uwutanga ingabire.7Ko umukene akengerwa n’abiwe,mbega abagenzi biwe bobo ntibazorushiriza kumwigira kure?Naho umukene abarondera abinginga,nta na hamwe ababona.8Uwiga ubwenge aba akunda ubugingo bwiwe,kandi uwukunda ugutahura azororanirwa.9Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa,kandi uwuvuga ibinyoma azorandurwa.10Igipfu ntigikwiye kuba mu bikayangana,nk’uko umugurano adakwiye kuganza abaganwa.11Ubwenge bw’umuntu ni bwo bumutera kutihutira kuraka,kandi kwirengagiza inabi yagiriwe bimuhesha icubahiro.12Uburake bw’umwami bumeze nk’ugutontoma kw’intare,ariko ubuntu bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi.13Umwana w’igipfu ni icago kuri se,kandi umugore atongana ameze nk’amama atonyanga y’inzu iva.14Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.15Ubute bukwega itiro ryinshi,kandi umunebwe yicwa n’inzara.16Uwumvira impanuro azigama ubuzima bwiwe,ariko uwuzigaya aja mu rupfu.17Uwufashije umukene aba aguranye Uhoraho,kandi azomusubiza ivyo yatanze.18Uzotoze indero umwana wawe akiri muto, kuko harimwo ivyizigiroariko ntuzomuhanire kumwica.19Uwihutira kugira ishavu azobihanirwa,kandi iyo utamuhanye, uba umuteye kubikora kenshi.20Wumvirize impanuro kandi wemere kwigishwa,ni ho uzoba umunyabwenge.21Umutima w’umuntu ugira imigambi myinshi,ariko integuro z’Uhoraho ni zo zirama.22Ubwizigirwa bw’umuntu ni bwo bumutera gukundwa;none rero wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.23Ukwubaha Uhoraho bishikana mu bugingo:uwumwubashe agubwa neza, nta kibi kimuzako.24Umunebwe atwara ukuboko mw’isahani,ariko akananirwa no kukugarukana ku munwa.25Niwakubita umucokoranyi, ibijuju bizomenya kwitonda,kandi niwakankamira umunyabwenge azokwongereza ubumenyi.26Umwana asesagura ivya se, akirukana nyina,yikwegera isoni n’ibimaramare.27Mwana wanje, niwaheba kwigishwa,uzoba uteye umugongo ubumenyi.28Icabona iyo kiriye igiturire gituma ubutungane butituka,kandi akanwa k’umunyakibi kayongobeza ikibi.29Ibihano biraririye abacokoranyi,n’inkoni ziraririye umugongo w’ibipfu.
Biblica, Inc.