Zaburi56
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa “Inuma iri ku Kivumu nca kure.” Ni mikitamu ya Dawidi. Ni igihe Abafilisitiya bari bamufatiye i Gati.
1Ngirira imbabazi, Mana yanje,kuko abansi banje bampiga cane;barampiga bukarinda bwira.2Abangwanya barampiga bukarinda bwira;ni benshi bampigana ubwibone bwabo.3Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.4Nshimira Imana ivyo yasezeranye.Imana ni yo nizigira singire ubwoba.Mbe abantu buntu bongira iki?5Bagoreka amajambo yanje bukarinda bwira;nta kindi barota atari ukunyica.6Bagira inama, bakangenza,bagenzura intambuko zanje,bashaka kunyica.7Kubera ibibi vyabo ntubareke ngo bagende uko;Mana, utsinde hasi amahanga mu burake bwawe.8Ibuka amagorwa yanje;andika amosozi yanje mu gitabu cawe;mbega ntiwayanditse?9Aho ni ho abansi banje bazosubira inyumaninatabaza.Aho ni ho nzomenyera ko Imana iri mu ruhande rwanje.10Imana, iyo nshimira amajambo yayo,Uhoraho, uwo mpimbaza ijambo ryiwe;11Imana ni yo nizigira maze singire ubwoba.Mbega umuntu yoshobora kungira iki?12Naragusezeraniye Mana yanje;nzogushikanira ikimazi c’ishimwe.13Kuko wantabaye ukankura mu rupfun’ibirenge vyanje ukabirinda gutsitara,kugira ngo nze ngendere imbere y’Imanamu muco w’ubugingo.Biblica, Inc.