Zaburi57
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni mikitani ya Dawidi. Aho yari aheje guhunga Sawuli akaja mw’isenga.
1Ngirira akagongwe, Mana yanje, ngirira akagongwe,kuko muri wewe ari ho mpungiye.Nzohungira mu gitutu c’amababa yawekugeza icago kirenganye.2Ndatakambira Imana Musumbavyose,Imana izoshitsa imigambi yayo myiza kuri jewe.3Izondungikira ugutabarwa kuva mw’ijuru maze inkize,ineshe abampigana ishavu;Imana izorungika urukundo rwayo n’ukwizigirwa kwayo.4Ndi hagati y’intambwe;hagati y’ibikoko vy’inkazi;abantu bafise amenyo ameze nk’amacumu n’imyampi,indimi zabo zikamera nk’inkota zikarishe.5Nushirwe hejuru, ewe Mana, hejuru y’amajuru;icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.6Bateze umutego mu nzira ncamwo;nciwe intege n’akabonge.Banyimbiye icobo mu nzira yanje;ariko ni bo bakiguyemwo ubwabo.7Umutima wanje urashikamye, ewe Mana,umutima wanje urashikamye;nzoririmba ncurarange.8Mutima wanje, niwikangure!Ewe nanga nawe kembe, nimwikangure!Nzovyura umutwenzi.9Ewe Mana, nzoguhimbaza mu moko menshi;nzokuririmba ndi mu mahanga.10Kuko urukundo rwawe ari rwinshi, rushika no mu majuru;ubwizigirwa bwawe bushika no mu birere.11Nushirwe hejuru, Ewe Mana, hejuru y’amajuru;icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.Biblica, Inc.