Zaburi55

Yahawe umukuru w’abaririmvyi baririmbisha inanga. Ni masikili ya Dawidi.

1Niwumve ugusenga kwanje, Mana,ntiwirengagize ugutakamba kwanje;2Nunyumve kandi unyishure.Ivyiyumviro vyo muri jewe bimbujije amahoro kandi ncitse intege3kubera ivyo umwansi wanje avuga,kubera ibiteye ubwoba vy’umunyakibi;kuko banteje amarushwabakaza kuntera buzuye uburake.
4Umutima wanje ubuze uburagamo;ibiteye ubwoba vy’urupfu vyanyubikijeko.5Ubwoba no guhinda agashitsi bintaye hagati;nishwe n’ubwoba.6Naravuze nti: “Iyo mba nari mfise amababa y’akanuma Kolombe!Nogurutse nkaja aho kuruhukira.7Nohungiye kurenkigumira mu bugaragwa;8Nokwirukiye mu buhungiro bwanje,kure y’isegenya n’igihuhusi.”
9Ewe Mana, maramaza abanyakibi, amajambo yabo anyurane,kuko mbona umuryano n’intambara mu gisagara.10Ku murango no mw’ijoro bazunguruka ku nzitiro zaco;ivyago n’amarushwa biri hagati muri co.11Mu gisagara baricana;ivyago n’amarushwa vyahatse indaro.
12Iyo aba ari umwansi ariko arantuka,nari kuvyihanganira;iyo yari kuba ari umwansi wanje ampagurukiye kungwanya,nari kwinyegeza.13Ariko ni wewe, umuntu nkanje,uwo twagendana, umugenzi wanje wo hafi,14uwo twahora dusangira akabisi n’agahiyeturi mu nzu y’Imana,uwo twagendanaturi hagati y’abasenzi.
15Urupfu nirushike giturumbuka ku bansi banje;bagende bakiri bazima iwabo w’abapfuye,kuko bahaye indaro ikibi muri bo.
16Ariko jeho, nambaza Imana,maze Uhoraho akankiza.17Ku mugoroba, mu gitondo no ku murangontakambana agahinda,na we akumva ijwi ryanje.18Arantabara akantahana amahoroankuye mu ntambara y’abanteye,naho abangwanya bakiri benshi.19Imana, iri ku ntebe y’inganji uhereye kera hose,ni Imana idahindagurika;izobumva maze ibacishe bugufi,kuko badatinya Imana.
20Uwahora ari umugenzi wanje ahiga abagenzi biwe;yishe isezerano.21Amajambo yiwe yoroshe nk’amavuta,ariko mu mutima wiwe hari intambara;amajambo yiwe mbere yoroshe kurusha amavuta,ariko ni nk’inkota zakuwe mu rwubati.
22Uremeke imitwaro yawe Uhorahona we azogushigikira;ntazokwigera arekaumugororotsi ngo anyiganyizwe.23Ariko wewe Mana, uzotsinda hasi abanyakibimu cobo co kubora;abasesa amaraso n’ingungentibazomara igice c’ubuzima bwabo.Ariko jeho, nzokwizigira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e