Zaburi30

Ni Zaburi. Ni indirimbo ya Dawidi yo gushikiriza Uhoraho Ingoro.

1Nzogushira hejuru, Uhoraho,kuko wanshize hejuru unkuye mu kinogo kirekire,ntiwandeka ngo abansi banje banshinyagurire.2Uhoraho Mana yanje, naragutakambiye,na we urankiza.3Ni wewe, Uhoraho, wankuye ahantu h’abapfuye;warandinze ngo simanuke nja muri rwa rwobo.
4Nimuririmbire Uhoraho amashimwe, yemwe abizigirwa biwe;muhimbaze izina ryiwe ryera.5Kuko uburake bwiwe bumara akanya gato,ariko ukugira neza kwiwe kugumaho ubuzima bwose;ukurira kwomara ijoro ryose,ariko mu gitondo hakaba impundu.
6Igihe nari ntekaniwe naravuze nti:“Sinzonyiganyizwa.”7Uhoraho, igihe wangirira neza,watumye umusozi w’ubwami bwanje ushikama;ariko aho wahisha mu nyonga hawe,nishwe n’ubwoba.
8Narakwambaje, ewe Uhoraho;natabaje Uhoraho Umwami wanje nti:9“Uzokwunguka iki ninapfa,ninamanuka nkaja muri rwa rwobo?Mbega umukungugu uzoguhimbaza?Canke uzokwamamaza ukwizigirwa kwawe?10Nunyumve, ewe Uhoraho, ungirire imbabazi;Uhoraho we, umbere umutabazi.”
11Wahinduye ugucura intimba kwanje ukuvyina;wanyambuye igunira unyambika impuzu y’umunezero,12kugira ngo umutima wanje uririmbe amashimwe urudaca.Uhoraho Mana yanje, nzogushima ibihe bidashira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e