Zaburi31
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.
1Muri wewe, Uhoraho, ni ho mpungiye;sinze nigere maramara;unkize ku bw’ukugororoka kwawe.2Ntega ugutwi,nyaruka untabare;umbere igitandara mpungiramwo,igihome gikomeye kinkingira.3Ni wewe gitandara canje n’igihome canje,undongore kandi ungire inama ku bw’izina ryawe.4Undinde kugwa mu mutego watezwe imbere yanje,kuko ari wewe buhungiro bwanje.5Mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje;nkiza, Uhoraho, Mana yanje yo kwizigirwa.6Nanka abumira ku bigirwamana bitagira ikimazi;ariko jeho, nizigira Uhoraho.7Nzonezerwa mpimbarirwe urukundo rwawe,kuko wabonye umubabaro wanjeukamenya amagorwa y’umutima wanje.8Ntiwandekuriye mu maboko y’umwansiariko washize ibirenge vyanje ahagutse.9Ngirira ikigongwe, Uhoraho, kuko ndi mu mubabaro;amaso yanje aruhijwe n’umubabaro,umushaha wanje n’umubiri wanje bimazwe n’agahinda.10Ubugingo bwanje bumazwe n’umubabaroimyaka yanje imazwe n’ukuniha;inkomezi zanje ziraheze kubera amarushwa,n’amagufa yanje aradendebukiwe.11Kubera abansi banje,mbaye ruvumwa muri bagenzi banjen’abakunzi banje pfampfe bangiye kure;abambona mu mayira barampunga.12Ndibagiranywe nk’uwapfuye;mbaye nk’inkono imenetse.13Kuko numva ubwongoshwe bwinshi:“Ibiterabwoba impande zose!”Bangira inama mbibagira imigabo yo kunyica.14Ariko nizigiye wewe, Uhoraho;ndavuga nti: “Uri Imana yanje.”15Ibihe vyanje biri mu biganza vyawe;nkura mu maboko y’abansi banje,mu maboko y’abampiga.16Murikishiriza mu nyonga hawe umusavyi wawe;nkiriza mu rukundo rwawe rudahera.17Ntundeke ngo maramare, ewe Uhoraho,kuko ngutakambiye;ariko abanyakibi babe ari bo bamaramarabamanuke mu gacerere baja ahantu h’abapfuye.18Iminwa yabo ibesha nizibwe,kuko bavugana ubwibone bavuga nabi umugororotsibuzuye ubwishime n’akagaye.19Ese ingene ivyiza ari vyinshiivyo wabikiye abakwubaha,ngo ubicuncuburire mu maso ya bose,ku bahungira muri wewe.20Mu bwihisho bwo mu nyonga hawe ni ho ubahishainama mbi abandi babagira;ubarindira mu nzu yawe mu mahoroababavuga nabi.21Ishimwe ni iry’Uhoraho,kuko yanyeretse ibitangaza vyo mu rukundo rwiweigihe nari mu gisagara gikikujwe n’abagiteye.22Kubera ubwoba nari mfise naravuze nti:“Nkuwe mu nyonga zawe!”Ariko wumvise ugutakamba kwanjeigihe naguhamagara ngo untabare.23Nimukunde Uhoraho, yemwe bizigirwa biwe!Uhoraho azigama abamutunganiye,ariko abishira hejuru abasubiriza mu nkoko ibihwanye n’ivyo bakoze.24Nimukomere mureme mu mitima,yemwe mwese abizigira Uhoraho.Biblica, Inc.