Zaburi29

Ni Zaburi ya Dawidi.

1Nimwubahe Uhoraho, yemwe ngabo zo mw’ijuru,mwubahe Imana kubera ubwiza bwayo n’inkomezi zayo.2Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryayo;musenge Imana mu cubahiro c’ukwera kwayo.
3Ijwi ry’Uhoraho ryumvikanira ku mazi menshi;Imana y’ubwiza iraturagaye,Imana ituragariye ku mazi menshi y’inkomezi.4Ijwi ry’Uhoraho riri n’inkomezi;ijwi ry’Uhoraho riri n’icubahiro.5Ijwi ry’Uhoraho rivunagura amasederi;Uhoraho ahindura ubunywenywe amasederi y’i Libani.6Atuma Libani hikina amatavu nk’inyana,Siriyoni hakikina amatavu nk’inyana y’imbogo.7Ijwi ry’Uhoraho rirekuraibikeke vy’imiravyo.8Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ubugaragwa;Uhoraho anyiganyiza ubugaragwa bw’i Kadeshi.9Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ibiti bininibininirikambika ubusa amashamba.Kandi mu Ngoro yiwe vyose bisemerera biti: “Ishimwe!”
10Uhoraho avyagiye ku mwuzure;Uhoraho avyagiye nk’Umwami ibihe bidashira.11Uhoraho aha abantu biwe inkomezi;Uhoraho aha abantu biwe umugisha w’amahoro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e